Inyuma yaho Reta y’u Burundi imenyeshereje ko yiteze intererano y’imiriyaridi 5 za ma faranga y’amarundi ku mwaka ku mwaka ku ba dakora ubuzi bwa Reta, abanyagihugu basanzwe bugarijwe n’ubukene bakira nabi iyo ngingo. Noneho mu ma komine amwe amwe hageze aho indongozi zisaba udupapuro abanyagihugu barihiyeko intererano kugira babatungarize mugihe babituye.
« Ntitugishobora kuriha ayo mahera! », iryo niryo jambo ryama mu kanwa k’abanyagihugu iyo abajejwe intwaro bagiye kubasaba intererano y’amatora ya 2020.
Kukaba nkako, abanyagihugu bariko barihishwa izo nterarano mugihe amikoro yabo asanzwe atako yifashe. Ubishaka utabishaka, uwugeze mu kigero co gutora (kuva ku myaka 18 kuduga) ata numwe avuyemwo, bose bahamagarirwa kwitabira ico « gikorwa co gu kunda igihugu».
Kira noneho, ubu agapapuro nk’intererano y’ibihumbi 2 ku muryango canke igihumbi kimwe ku wukwije imyaka y’amatora gasigaye kabaye mureke arengane, mu kurondera impapuro zitandukanye ku biro vy’amakomine amwe amwe.