Intahe
Ubukozi bw’iki n’iterabwoba nivyo bisigura umurwi w’inkorabara wegamiye leta, Imbonerakure

Ubukozi bw’iki n’iterabwoba nivyo bisigura umurwi w’inkorabara wegamiye leta, Imbonerakure

May 22, 2019
0
Rehonidasi Hatungimana arerekana umukenyuro wa Nkurunziza wo kurondera kudakurikiranwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha “CPI”

Rehonidasi Hatungimana arerekana umukenyuro wa Nkurunziza wo kurondera kudakurikiranwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha “CPI”

January 9, 2019
0
  • Ishikiro
  • Akamo k’abakorewe amabi
  • Amakuru atosoye
  • Ivyiyumviro n’umwihwezo
  • Ububiko
  • Abo turi bo
  • frFrançais
  • enEnglish
No Result
View All Result
  • Ishikiro
  • Akamo k’abakorewe amabi
  • Amakuru atosoye
  • Ivyiyumviro n’umwihwezo
  • Ububiko
  • Abo turi bo
  • frFrançais
  • enEnglish
No Result
View All Result
Intahe
No Result
View All Result
Home Iterabwoba rifatiye kuri poritike

UBurundi buguma burikanuye ku rubibe ruhana n’uRwanda

Intahe Admin by Intahe Admin
in Iterabwoba rifatiye kuri poritike
0
UBurundi buguma burikanuye ku rubibe ruhana n’uRwanda

Intumbero yatanzwe n’umukuru w’igihugu ku wa 11 Kigarama 2018, i Muramvya munama yagiraniye n’abarongoye intara. Bari baramutse barabira hamwe  ivyashitsweko uyu mwaka mw’iterambere ry’intara zigize igihugu. Kubwa Petero Nkurunziza, ba buramatari na cane cane abarongoye intara zihana urubibe n’urwanda ngo bategerezwa kwama barikanuye. Inkuru ya Joël Nsabiye

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yatanze iyo ngingo ngederwako inyuma y’aho mw’ijoro ryo kuwamungu itariki 09 Kigarama 2018, abarovyi 3 baburiwe irengero ryabo mukiyaga Rweru muntara ya Kirundo. Abo nabo ni Toyi, Wizeyimana na Ruganira. Buramatari w’intara ya Kirundo, yemezako bafashwe bagatwagwa gufungirwa mu Rwanda n’abasirikare b’ico gihugu. Alain Tribert  Mutabazi  asabako abo bagabo 3 barekurwa atakirinze gusabwa kuko  ngo ntakintu nakimwe gisigura ifatwa ryabo rikozwe n’ingabo z’igihugu kibanyi.

RelatedPosts

Abapfungiwe Politike basabirwa kurekurwa gutyo  n’amabohero yuzuye  akoroherwa.

Abapfungiwe Politike basabirwa kurekurwa gutyo n’amabohero yuzuye akoroherwa.

May 25, 2019
0
Ubukozi bw’iki n’iterabwoba nivyo bisigura umurwi w’inkorabara wegamiye leta, Imbonerakure

Ubukozi bw’iki n’iterabwoba nivyo bisigura umurwi w’inkorabara wegamiye leta, Imbonerakure

May 22, 2019
0

Gitega, umurwa mukuru wa poritike w’u Burundi

May 6, 2019
0

Kuruhande rw’urwanda, n’agacerere. Abategetsi b’ico gihugu ntibaragira ico bavuga kuvyo bagirizwa n’Uburundi

Agasotoro n’agasuzuguro

Buramatari w’intara ya Kirundo yemezako abarovyi 4 aribo bari bafashwe n’abasirikare b’Urwanda mumazi akukira Uburundi mu kiyaga Rweru, ariko ngo  umwe yarashoboye kubaca mumyanya y’intoke. Alain Tribert Mutabazi avyita “agasotoro n’agasuzuguro”.

Ukwo ninakwo umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi abibona.Mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru itariki 11 inyuma y’umubonano w’umukuru w’igihugu na ba buramatari, Yohani Korode Karerwa yemeje ko muri iyi minsi, Urwanda rukomeza kurwiza agasotoro ku Uburundi. Yaciye ashikirizako Uburundi bumaze kubibona ko buca bufata ingingo zo gukingira abanyagihugu mukurindira ko inyishu y’iyo ngorane iboneka biciye mu migenderanire

 

Umukuru w’igihugu c’Uburundi atunga urutoke Urwanda ko rwama rurondera guhungabanya umutekano w’uburundi.

Kubwa Petero Nkurunziza, si ubwa mbere canke ubwa kabiri Urwanda rwisuka mubiraba Uburundi.  Mw’ikete yarungikiye mugenziwe arongoye igihugu c’Ubugande ry’itariki 04 Kigarama 2018, uwurongoye Uburundi yagiriza Urwanda korwari rufadikanije n’abateye imigumuko mu gihugu na cane cane n’abashatse gutembagaza ibutegetsi bw’Uburundi itariki 13 Rusama 2015.

Muri iryo kete nyene Petero Nkurunzuza abonako ikibazo kuri hagati y’uburundi n’urwanda ari kinini, ko cikwiye conyene kugira cirwe n’abakuru b’ibihugu bigize umuryango w’akarere la Afrika y’ubuseruko. Ubutegetsi bw’i Bujumbura bubonako ari ngombwako ikibazo kiri hagati y’urwanda n’uburundi kibanza gutorerwa inyishu, kugita amahoro n’umutekano  bitsimbatare mu Burundi

ShareTweetShare
Previous Post

Amatora 2020 : abanyagihugu baraganya

Next Post

Burundi: Ubwicanyi, Inyuruzwa, Indyane za Poritike Ikiza Umurwa mukuru

Next Post
Burundi: Ubwicanyi, Inyuruzwa, Indyane za Poritike Ikiza Umurwa mukuru

Burundi: Ubwicanyi, Inyuruzwa, Indyane za Poritike Ikiza Umurwa mukuru

Please login to join discussion

Follow Us

Browse by Category

  • Amakambi y'impunzi
  • Ihungabana ry'agateka kazina muntu
  • Inkuru igezweho
  • Inkuru nyamukuru
  • Ireresi
  • Iterabwoba rifatiye kuri poritike
  • Ivyatororokanijwe n’umwanditsi
  • Ubwigenge bwo kumenyesha amakuru
  • Umu-kuru ama-kuru
  • Uncategorized @bi

Recent News

IFatwa kunguvu ry’abagore n’abigeme riri kumurindi ukomeye  ku mpuzi z’abarundi

IFatwa kunguvu ry’abagore n’abigeme riri kumurindi ukomeye ku mpuzi z’abarundi

June 2, 2019
Iturika ry’ama grenades vyimonogoje birahungabanya agahengwe   k’umutekano muke  kari gasanzwe Gateye amakenga

Iturika ry’ama grenades vyimonogoje birahungabanya agahengwe k’umutekano muke kari gasanzwe Gateye amakenga

June 2, 2019
  • Ishikiro
  • Abo turi bo

© 2019 Ce projet est réalisé par Journalists for Justice et est soutenu par collaboration avec le programme de Justice Internationale de la section Kenyane de la Commission Internationale de Juristes.

No Result
View All Result
  • Ishikiro
  • Akamo k’abakorewe amabi
  • Amakuru atosoye
  • Ivyiyumviro n’umwihwezo
  • Ububiko
  • Abo turi bo
  • frFrançais
  • enEnglish

© 2019 Ce projet est réalisé par Journalists for Justice et est soutenu par collaboration avec le programme de Justice Internationale de la section Kenyane de la Commission Internationale de Juristes.

  • frFrançais (French)
  • enEnglish (English)