Intumbero yatanzwe n’umukuru w’igihugu ku wa 11 Kigarama 2018, i Muramvya munama yagiraniye n’abarongoye intara. Bari baramutse barabira hamwe ivyashitsweko uyu mwaka mw’iterambere ry’intara zigize igihugu. Kubwa Petero Nkurunziza, ba buramatari na cane cane abarongoye intara zihana urubibe n’urwanda ngo bategerezwa kwama barikanuye. Inkuru ya Joël Nsabiye
Umukuru w’igihugu c’Uburundi yatanze iyo ngingo ngederwako inyuma y’aho mw’ijoro ryo kuwamungu itariki 09 Kigarama 2018, abarovyi 3 baburiwe irengero ryabo mukiyaga Rweru muntara ya Kirundo. Abo nabo ni Toyi, Wizeyimana na Ruganira. Buramatari w’intara ya Kirundo, yemezako bafashwe bagatwagwa gufungirwa mu Rwanda n’abasirikare b’ico gihugu. Alain Tribert Mutabazi asabako abo bagabo 3 barekurwa atakirinze gusabwa kuko ngo ntakintu nakimwe gisigura ifatwa ryabo rikozwe n’ingabo z’igihugu kibanyi.
Kuruhande rw’urwanda, n’agacerere. Abategetsi b’ico gihugu ntibaragira ico bavuga kuvyo bagirizwa n’Uburundi
Agasotoro n’agasuzuguro
Buramatari w’intara ya Kirundo yemezako abarovyi 4 aribo bari bafashwe n’abasirikare b’Urwanda mumazi akukira Uburundi mu kiyaga Rweru, ariko ngo umwe yarashoboye kubaca mumyanya y’intoke. Alain Tribert Mutabazi avyita “agasotoro n’agasuzuguro”.
Ukwo ninakwo umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi abibona.Mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru itariki 11 inyuma y’umubonano w’umukuru w’igihugu na ba buramatari, Yohani Korode Karerwa yemeje ko muri iyi minsi, Urwanda rukomeza kurwiza agasotoro ku Uburundi. Yaciye ashikirizako Uburundi bumaze kubibona ko buca bufata ingingo zo gukingira abanyagihugu mukurindira ko inyishu y’iyo ngorane iboneka biciye mu migenderanire
Umukuru w’igihugu c’Uburundi atunga urutoke Urwanda ko rwama rurondera guhungabanya umutekano w’uburundi.
Kubwa Petero Nkurunziza, si ubwa mbere canke ubwa kabiri Urwanda rwisuka mubiraba Uburundi. Mw’ikete yarungikiye mugenziwe arongoye igihugu c’Ubugande ry’itariki 04 Kigarama 2018, uwurongoye Uburundi yagiriza Urwanda korwari rufadikanije n’abateye imigumuko mu gihugu na cane cane n’abashatse gutembagaza ibutegetsi bw’Uburundi itariki 13 Rusama 2015.
Muri iryo kete nyene Petero Nkurunzuza abonako ikibazo kuri hagati y’uburundi n’urwanda ari kinini, ko cikwiye conyene kugira cirwe n’abakuru b’ibihugu bigize umuryango w’akarere la Afrika y’ubuseruko. Ubutegetsi bw’i Bujumbura bubonako ari ngombwako ikibazo kiri hagati y’urwanda n’uburundi kibanza gutorerwa inyishu, kugita amahoro n’umutekano bitsimbatare mu Burundi