Kuva mu mwaka w’i 2015, amashirahamwe meshi aharanira agateka ka zina kiremwa muntu ntahengeshanya kwiyamiriza urudandazwa rw’abigeme n’amapfasoni bajanwa gukoreshwa mu bihugu vy’abarabu. Urwo rudandazwa mbere ruranakorwa ku miyabaga y’abigeme. Umugambwe CNDD-FDD usanzwe uri ku butegetsi uradomwako urutoke muri urwo rudandaza rwa bantu.
Vyatohojwe na Niyonzima Landry
Vyaramenyekanye. Ivyo bahora bita amaramuko no kuronka ubuzi bwiza ku bigeme n’abapfasoni bava mu Burundi bajanwa mu bihugu vy’abarabu ntakindi cihishije inyuma atari urudandaza rw’abantu twonagereranya n’ubukoroni bushasha bwo mu kinjana ca 21. Amashirahamwe canke uturwi tw’abantu bo muri Omani na Sawudiya akorana n’abagira urwo rudandaza baba mu Burundi.
Ibiharururo biravyerekana neza. Nk’uko tubishikirizwa na Nshimirimana Yakobo arongoye ishirahamwe ryishinze guharanira ineza y’abana (FENADEB) ni miburiburi abigeme 4.000 baragurishijwe mu bihugu vy’abarabu kuva mu mwaka w’i 2015. Abo bagurishijwe bagizwe ahanini n’abigeme bajanwa mu bihugu nka Omani, Sawudiya, Katari, Kowete canke muri Ribani gukoreshwa ibikorwa vyo mu ngo.
« Urwo rudandazwa rw’abantu rurimwo ndetse n’ubushurashuzi, gukinishwa ama reresi y’ibiterasoni canke kugurisha ibihimba vy’abantu», nk’uko abishikiriza Mbarubukeye Pirime aserukira ishirahamwe rirwanya ubwicanyi (OLCT Observatoire National pour la Lutte contre la Criminalité Transnationale-où est ton frère mu rurimi rw’igifaransa).
«Turetse no kubakoresha babahemba intica ntikize bakanabakoresha ibiterasoni, abajanwa muri ivyo bihugu rimwe na rimwe baranabakuramwo ibihimba vyabo nk’amafyigo, umutima, igitigu baheza bakagurisha amahera meshi cane ku babikeneye », uko nikwo Nshimirimana Yakobo wo muri FENADEB abidondagura.
Imvo nyamukuru zituma abo bigeme bajanwa muri urwo rudandazwa hanini zituruka ku bibazo vy’umutekano muke igihugu c’uBurundi kirimwo, ubukene, kutagira akazi kui beshi, kutamenya, kutizerana mu miryamgo, amabi akorerwa abakenyezi, indyane zifatiye ku matongo hamwe nogushaka amaronko.
Abashikiwe nayo mabi baratuyagira ….
Ayisha N. w’iGitegaïcha
Mu kwezi kwa gitugutu guheze nari nagiye kwakira umugenzi ku kibuga c’indege c’iNayirobi muri Kenya. Uwo mugenzi yaraje aturuka i Burundi mu ntumbero yokurondera ivyangombwa ngo asange umuryango wiwe uri i Buraya. Indege uwo mugenzi yarajemwo yaratevye gushika, mu kurindira nca nja kuba ndateramiye aho banwera ikawa hafi y’ikibuga c’indege. Ngize ntya, nza mbona umupfasoni yitwikiriye yoba ari mu kigero nk’icimyaka 30 aza agana aho nicaye. Arandamutsa mu kirundi, ururimi rwacu kavukire, ahejeje araheza yicara hafi yanje.
Mu ntango yaracecetse cane niho numva yiruhutsa imbere y’uko atangura kunganiriza. «Mbega waje gutora umuntu ? », ndaheza ndamwishura nti egome. « Imana ishimwe. Nashaka ndagusabe umfashe kurondera aho nofatira bisi inshikana i Bujumbura», uko nikwo yansavye. Araheza atangura ku ngira ku muriri ivyo yahoramwo. Ati : «Aha umbo mbuye muri Omani. Sinokubwira amakuba naboneyeyo, ateye ubwoba»
Ayisha N. yavuye mu Burundi mu mwaka w’i 2017, yibaza ko agiye kwamikara nokuronka ubuzima bwiza. Yariyubatse mu Magarama (i Gitega) akaba yarafise n’abana batatu. Umusi uri zina haza «Umuyasamariya w’ikigongwe », amubwira ko burya hariho ibihugu « amadorare bayamura nka kurya basoroma ivyamwa ku biti ».
Haheze umushamvu, Ayisha yigira inama yo gushika i Bujumbura mu ntumbero yo kurondera ivyangombwa vyo kuja mu mahanga. Nuko Ayisha asigira abana biwe umugabo bari bubakanye afata inzira igana i Nayirobi muri Kenya, aciye mu Bugande yigize nk’umucuruzi w’impuzu agiye ku rangura mu mahanga.
«i Kampala mu Bugande nasanzeho uwundi murwi w’abigeme bari mu kigero c’imyaka 17 na 3, turaheza dufatanya urugendo rutujana i Nayirobi, aho twahavuye dufata indege itujana mu bihugu vy’abarabu. Urukurikirane rw’ubuzima bushasha ruba ruratanguye , uwo ni Ayisha atuyagira.
Amagorwa muri Omani
Ayisha ati : «Nkishika ku butaka bwa Omani ikintu ca mbere babanje kunyaka telefone yanje hamwe n’ivyangombwa bindanga. La première chose dont on m’a dépouillé fut mon téléphone, puis mes documents de voyages ».
Nari meze nk’imbohe mu nzu nini cane. Ndetse nabandi barundikazi bajanwa muri ivyo bihugu vy’abarabu ntaburenganzira bafise bwo gusohoka.
« Nakora ibikorwa vyo mu rugo. Narateka, nkakoropa inzu y’igorofa zitatu ndi jenyene. Aho hose bampemba amadorari ijana igice kinini camahera yanje yahambwa ishirahamwe ryari ryannjanye.» . Uramutse urwaye hoho, waca ushikirizwa abakuzanye atanikindi biriwe barakubaza.
Nadiya K. wo mu Bwiza i Bujumbura
Nadiya ni umwigeme w’imyaka 23 y’amavuko. Ararahira akarengwa ko naho vyogenda gute atarota asubira mu bihugu vy’abarabu. Yagiyeyo nk’abandi barundikazi bose nk’uwuja kurondera amaramuko. Nadiya yari ahejeje ishure ry’imyuga i Bujumbura. Ariko kubera ko umuryango avukamwo atako bari bifashe ngo ba murihire amashure ya kaminuza, yahisemwo kuja kurondera uko yobaho.
« Haje umukamakare yaba hafi yacu muri karitiye, aca ampuza n’umuntu yanjanye muri Sawudiya.»
Muri rusama 2017, Nadiya abafata akayira agana i Nayirobi muri Kenya aho nawe nyene yahavuye afatira indege imijana muri Sawudiya.
Nagahinda keshi Nadiya ati : « Nabaye ncururuka indege mbona umuntu aje kungura. Jewe nakora nk’umuja, sinaruhuka ». Arongera ati : « Ugishika,ubanza gutera igikumu ku masezerano n’abagushikanyeyo hamwe n’uwugiye kugukoresha. Uwo rero yakuguze, buno nyene aca akwaka ivyangombwa vyawe vyose kabone na terefone…ntaruhusha uba ufise rwo kuvugana n’abo wasize i Burundi. Ubu tanguye ubuzima busa n’ubw’imbohe ».
Nadiya wewe yaratevye arabona ay’imbwa yaboneye ku mugezi : «Igihe kimwe nankiye abakoresha banje ko bakorakora ku bihimba vy’irondoka (ubona ko keshi yakunda kuzanana n’abagenzi biwe), baciye bamaza imisi ntafungura ».
Ati : « Abakora urwo rudandazwa ni abamt baba muri Sawudiya bakorana n’ababafasha kurondera abigeme i Bujumbura. Naho bompa ubutunzi bwo kw’isi yose, sindota nsubira muri biriya bihugu. Iyo nsubije amaso inyuma mpora nicuza nicanteye kujayo », Nadiya bimunanira kwihangana araturika ararira.
I Nayirobi, kwa Haji : Ikiraro gihuza u Burundi ni bihugu vy’abarabu
Tugaruke ku nkuru ya Ayisha. Imbere y’uko arangiza inkuru yiwe, indege iba irashitse. Wa muntu nari ngiye gutegera aba arashitse ndaheza nja kumwakira. Jewe nari nzi ko birangiye , nuko mbona Ayisha aje ankurikira ansaba ko no mwunguruza gushika mu gisagara hagati I Nayirobi aje kurondera itike ya bisi imujana i Bujumbura.
Kw’ibarabara bita River Road ugana aho ama bisi yunguruza abantu bashika za Kampala na Kigali, ndaheza nkatira murindi rito kubera kuri River Road hari imodokari nyishi. Ayisha aho yicaye inyuma mu muduga numva akomye akaruru atakamba, ati : «Ndagusavye ntunsubizeyo!»
Niko kumubaza nti hehe? araheza atunga urutoki ihoteri yari hafi yaho ati : kwa Haji. Ndongera ndamubaza nti burya warabaye I Nayirobi ?
Aranyishura ati : «Nta murundikazi numwe yagiye hariya mu barabu atabaye ngaha kwa Haji» .
Kwa Haji rero ni agahoteri kabayabaye kari hagati mu gisagara ca Nayirobi kw’ibarabara rija aho bita Kariyoko. Abajanwa bose muri ivyo bihugu vy’abarabu niho babanza kubacumbikira mu kurindira ko baronka amatike y’indege n’ivyangombwa vyo kujabuka imbibe.
Ayisha ati : «Igihe twari kwa Haji twashika 20. Twahasanze abandi 8 bari bahamaze imisi itari mike ».
Kwa Haji rero bahigira ibijanye no gukora isuku ry’umubiri hamwe n’ibikorwa vyo mu rugo. Ninaho baronkera inyigisho zijanye n’ubuzima bushasha bubarindiriye. Ndetse rimwe na rimwe abo baducumbikiye baraheza bakanadusaba kuryamana nabo,tugahuza ibitsina. Aho rero umuntu araheza akahamara nk’indwi zibiri mu kurindira ibipapuro vy’inzira. Bibonetse ucufata indege ugana mu bihugu vy’abarabu,mu buzima bushasha.
Umugambwe CNDD-FDD uratungwa urutoke muri urwo rudandaza rw’abantu
Amasoko meshi yatanze inkuru ahuriza ku ruhara rwa bamwe bamwe mu bihangange biringoye umugambwe uri ku butegetsi mu mu Burundi mugukora urwo rudandazwa.
Amashirahamwe yagiye aravugwa muri urwo rudandazwa rw’abantu arafitaniye ubucuti n’umugambwe CNDD-FDD kandi yose aba yaremeye n’ikigo kijejwe guteza imbere abanyamitahe API (Agence pour la Promotion des Investissements).
Ntanumwe atabizi ko amashirahamwe « Salah Alder Feeri Burundi » na « Royal Services » ari mu vy’ukuri ishirahamwe rimwe, ritwarwa n’abanyamitahe bamwe, rikaba rifise n’intumbero imwe, yo kwegeranya no gutegura abigeme b’abarundikazi bajanwa mu bihugu vy’abarabu.
Nk’uko Niyonkuru Ali, umuyobozi mukuru w’ ishirahamwe Royal Services, rimwe muri ayo avugwa kujana abigeme mu bihugu vy’abarabu, aremeza ko ishirahamwe arongoye rikorera mu mategeko.
Agira ati :Turafise irindi shirahamwe muri Sawudiya. Hariyo y’abarundi bitwararika cane ababa barungitsweyo gukora ubuzi. Iryo shirahamwe rirakorana cane n’ubuserukizi bw’igihugu c’uBurundi hariya muri Sawudiya banaraba nezako amategeko n’agateka k’abo twarungitse vy’ubahirijwe ».
Amatohoza yakozwe n’ikinyamakuru Intahe mu ntara zitandukanye z’uBurundi aragaraza neza ukuboko kw’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD muri urwo rudandazwa rw’abantu muri Omani na Sawudiya.
Haba kwiyandikisha canke gusuzumwa canke gutegurwa kw’abajana muri ivyo bihugu heshi bikorerwa mu ngozo z’umugambwe CNDD-FDD.
Tukanibutsa ko ibisata bimwe bimwe vya Reta bifasha muri urwo rudandazwa rw’abigeme bajanwa mu barabu. Abakora urwo rudandazwa bayaze n’ikinyamakuru Intahe beramenyesha ko bariha amahera bamwe mu bari mu nzego zijejwe iperereza (SNR) hamwe na bamwe bamwe bakora mu gipolisi kijejwe imbibe n’ibirere (PAFE) kugira bareke abigeme bajanwa mu Barabu barengane imbibe.
PAFE iraheza igafasha abo bigeme kuronka impapuro z’inzira bitagoranye hamwe no kubugururira imbibe bagasohoka ataco binona.
Hari n’umwe mubakora urwo rudandazwa yagize ati : « Narishe imiriyoni 6 z’amafaranga y’amarundi ku bajejwe ipererereza (urwego rutwarwa mu biro vy’umuru w’igihugu) kugira nemererwe gukora urwo rudandazwa ata nkomanzi. »
Umukobwa wese arungitswe muri Omani, uwo muntu yakora urwo rudandaza yatanga ama dorare 400 ku mukuru w’iperereza, hamwe n’ibihumbi 20 canke 30 vy’amafaranga y’amarundi ku rupapuro rw’inzira (pasiporo) rumwe rumwe rusohotse muri PAFE, nkuko ishirahamwe FOCODE ryabishize ahabona muri raporo ryakoze.
Umwigeme wese arenganye imbibe aciye ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’i Bujumbura , uwumurungitse adashigikiwe n’abakora mw’iperereza yabanza kuriha ibihumbi 20 canke 30 vy’amafaranga y’amarundi ku bajejwe umutekano, bagaheza bagaherekeza abo bigeme gushika buriye indege.
Nk’uko tubikesha igisata kijejwe kurwanya ibiyayuramutwe n’ubwicanyi ca ONU, urudandaza rw’abantu rwinjiza imiriyaridi 32 z’amadorare y’abanyamerika ku mwaka ku mwaka.
Muri urwo rudandazwa rw’abarundikazi bajanwa muri Omani na Sawudiya, umwigeme wese ashoboye gushikanwa i Nayirobi muri Kenya cane muri Tanzaniya (ibihugu bibiri bicishwamwo abo bigeme) uwamujanye ahabwa amadorare y’abanyamerika anri hagati ya 1.500 na 3.000