Intahe
Ubukozi bw’iki n’iterabwoba nivyo bisigura umurwi w’inkorabara wegamiye leta, Imbonerakure

Ubukozi bw’iki n’iterabwoba nivyo bisigura umurwi w’inkorabara wegamiye leta, Imbonerakure

May 22, 2019
0
Rehonidasi Hatungimana arerekana umukenyuro wa Nkurunziza wo kurondera kudakurikiranwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha “CPI”

Rehonidasi Hatungimana arerekana umukenyuro wa Nkurunziza wo kurondera kudakurikiranwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha “CPI”

January 9, 2019
0
  • Ishikiro
  • Akamo k’abakorewe amabi
  • Amakuru atosoye
  • Ivyiyumviro n’umwihwezo
  • Ububiko
  • Abo turi bo
  • frFrançais
  • enEnglish
No Result
View All Result
  • Ishikiro
  • Akamo k’abakorewe amabi
  • Amakuru atosoye
  • Ivyiyumviro n’umwihwezo
  • Ububiko
  • Abo turi bo
  • frFrançais
  • enEnglish
No Result
View All Result
Intahe
No Result
View All Result
Home Ubwigenge bwo kumenyesha amakuru

Ikinyamakuru BBC gishobora kwitwarirwa n’ubutungane bw’u Burundi

Intahe Admin by Intahe Admin
in Ubwigenge bwo kumenyesha amakuru
0

Abarongozi b’igihugu c’u Burundi baragabisha ikinyamakuru c’abongereza BBC bakamenyesha ko bagiye kucitwarira mu butungane inyuma y’aho gishiriye ahabona ireresi yerekana inyubakwa yoba yarapfungiwemwo abantu bakanasinzikarizwa agateka kabo muri iyo nzu. Umushikiranganji w’ubutungane amenyesha ko iyo reresi ihungabanya umutekano w’igihugu.

Inkuru yatohojwe na Joël Nsabiye

RelatedPosts

Amashirahamwe yigenda yahagaritswe azomenya  urwaciwe muminsi  mirongo itandatu(60).

Amashirahamwe yigenda yahagaritswe azomenya urwaciwe muminsi mirongo itandatu(60).

March 20, 2019
0

Indongozi za Reta y’u Burundi kuri uwu wa 13 kigarama 2018 zarakoranije abaserukizi b’ibihugu bitandukanye barangurira imirimo ya bo mu Burundi mu ntumbero yo kubamenyesha ko amakuru yaciye mw’ireresi ikinyamakuru BBC giheruka gushira ahabona igizwe n’amarementanya mu mugambi wo kuryanisha abarundi no guhungabanya umutekano w’igihugu.

Iyo reresi ya BBC yerekana inyubakwa bavuga ko yoba ari ibohero ritazwi inzego z’umutekano n’izigendereza zapfungiramwo abatavugarumwe na Reta bagaheza bakabakorera n’amabi ahungabanya agateka ka zina muntu.

Inyuma y’uwo mubonano, bahavuye bajana abo baserukira ibihugu vyabo kubereka iyo nyubakwa iri mu zone ya Kinindo, Komine Mukaza, mu bumanuko bushira uburengero bw’igisagara ca Bujumbura.

Aimée Laurentine Kanyana umushikirangaji w’ubutungane yagiriza ikinyamakuru BBC kuba catanze inkuru ifatiye ku binyoma n’amarementanya aho iyo reresi yerekana ko kuva mu mwaka wa 2016 gushika muri kigarama 2018 urwego rw’igendereza rubandanya rutosekaza agateka ka zina muntu ku batavuga rumwe na Reta.

Umushikirangaji Kanyana ati :« Iyi reresi ni iyo gucafuza Reta y’u Burundi,abenegihugu hamwe n’abajejwe igendereza. Kuri iyo mvo, abakoze iyo reresi bagiye gukurikiranwa n’ubutungane».

Kubw’umushikiranji Kanyana iyo nkuru yashikirijwe n’ikinyamakuru c’abongereza BBC ariyo gutosekaza ubutunzi hamwe n’imigenderanire y’u Burundi n’amakungu. Agirako amenyesha ko iyo reresi icafuza isura y’igihugu bikazohava bibuza abazana imitahe gukorera mu Burundi. Asaba ashimitse ko BBC itegerezwa gusubiza ishusho nziza y’igihugu.

Iyo reresi yashizwe ahabona na BBC yerekana abantu bashinga intahe badoma urutoke ku mabi bakorewe n’inzego z’umutekano n’iz’igendereza inyuma y’imyiyerekano yakurukiye ukwihagira ikiringo ca gatatu kitemewe n’amategeko na Petero Nkurunziza mu 2015.

Umwe murabo bashinga intahe yiyemerea ko yakorera urwego rw’igendereza agira ati : « Benshi bibaza ko igihugu gitekanye, ariko aka gahengwe k’umwanya muto ni akaryo inzego za Reta zifata zigaheza zigatoteza zikongera zikica abatavugarumwe nayo, amakungu ntabice n’ikanda».

Ikinyamakuru BBC gishobora ku dasubira gukorera ku butaka bw’u Burundi

Iyi reresi ije guhuhura ivyari bisanzwe bicumbagira inyuma yaho iradiyo BBC yari imaze igihe yarahagaritswe vya gateganyo n’urwego CNC rujejwe gucungera ibimenyeshamakuru mu Burundi, kuva muri rusama 2018.

Ico gihe urwego CNC rwagirije BBC kuba yarenze ku mategeko n’amateka agenga umwuga wo kumenyesha amakuru gutyo baharika vya gateganyo ibiganiro vyayo ku murongo wa FM ikiringo c’amezi 6.

Inyuma ya mezi 8 itumvikana ku butaka bw’u Burundi ikizigizigi co gusubira gukora gitera kigabanuka.

ShareTweetShare
Previous Post

Rehonidasi Hatungimana arerekana umukenyuro wa Nkurunziza wo kurondera kudakurikiranwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha “CPI”

Next Post

Ikigo Gir’Ubuntu, agatutu k’amahoro ku mpunzi z’abarundi

Next Post
Ikigo Gir’Ubuntu, agatutu k’amahoro ku mpunzi z’abarundi

Ikigo Gir’Ubuntu, agatutu k’amahoro ku mpunzi z’abarundi

Please login to join discussion

Follow Us

Browse by Category

  • Amakambi y'impunzi
  • Ihungabana ry'agateka kazina muntu
  • Inkuru igezweho
  • Inkuru nyamukuru
  • Ireresi
  • Iterabwoba rifatiye kuri poritike
  • Ivyatororokanijwe n’umwanditsi
  • Ubwigenge bwo kumenyesha amakuru
  • Umu-kuru ama-kuru
  • Uncategorized @bi

Recent News

IFatwa kunguvu ry’abagore n’abigeme riri kumurindi ukomeye  ku mpuzi z’abarundi

IFatwa kunguvu ry’abagore n’abigeme riri kumurindi ukomeye ku mpuzi z’abarundi

June 2, 2019
Iturika ry’ama grenades vyimonogoje birahungabanya agahengwe   k’umutekano muke  kari gasanzwe Gateye amakenga

Iturika ry’ama grenades vyimonogoje birahungabanya agahengwe k’umutekano muke kari gasanzwe Gateye amakenga

June 2, 2019
  • Ishikiro
  • Abo turi bo

© 2019 Ce projet est réalisé par Journalists for Justice et est soutenu par collaboration avec le programme de Justice Internationale de la section Kenyane de la Commission Internationale de Juristes.

No Result
View All Result
  • Ishikiro
  • Akamo k’abakorewe amabi
  • Amakuru atosoye
  • Ivyiyumviro n’umwihwezo
  • Ububiko
  • Abo turi bo
  • frFrançais
  • enEnglish

© 2019 Ce projet est réalisé par Journalists for Justice et est soutenu par collaboration avec le programme de Justice Internationale de la section Kenyane de la Commission Internationale de Juristes.

  • frFrançais (French)
  • enEnglish (English)