Mw’isengesho ryo kurangiza igikorane c’umuryango w’umukuru w’igihugu cari categuwe kuva ku wa 26 gushika ku wa 30 kigarama, i Ngozi, muri komine Mwumba, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’u Burundi Deniza Bucumi-Nkurunziza, yarasenze agirako artura ivyaha. Ikinyamakuru Intahe kirabashikiriza ico gisabisho cose hamwe n’uko umusesanguzi mpuzamakungu w’amajambo yatahuye iryo sengesho.
Vyatorokanijwe na Gilbert Niyonkuru
Reka tubanze tubibutse ko umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’u Burundi ari umuvugabutumwa akongera akayobora n’ishengero. Uko umwaka uheze, umuryango w’umukuru w’igihugu wama utunganya ibikorane vyoguha amashimwe Imana, hagatumirwa indongozi zitandukanye z’igihugu.
Ashimira Imana kuri uwu wa 30 kigarama 2018, Deniza Bucumi-Nkurunziza yasenze agira ati :
Uhoraho ntiwerekwa ahari ivyaha. Natwe twaragucumuyeko mu gihugu c’u Burundi. Turakora ivyaha bitandukanye kandi twarahanuwe na kenshi, turabwirwa na kenshi, kenshi tukanabirengako, kenshi twica amatwi. Ariko uyu munsi mwiza Uhoraho waduteguriye udasanzwe, kugirango udukize, utubohore kugira twinjire mu mwaka mushasha twakize, twabohotse.
Mana yacu nziza, turagufukamiye, abahambaye n’aboroshe duciye bugufi. Mwami ivyaha twakoze vyose turavyatuye. Nukuri mu Gihugu cacu abapfa barapfuye, bishwe na bagenzi babo kubw’ishari, kubw’inzigo, kubw’urwanko. Mana yo mw’ijuru kubw’ama règlements de compte atandukanye, Amaraso yarasesetse.
Iki gitondo niho nasomye amajambo avuga ngo amaraso azohogwa ayandi. Ngo uwusheshe amaraso nawe ayiwe azoseswa. Numva ngize ubwoba ntangazwa n’ukuntu iryo jambo urimpaye. Urabisubiramwo ubugira kabiri. Ng’amaraso ahogwa ayandi. Ng’uwusheshe amaraso ngo n’ayiwe azoseswa, unzanira amazina y’abantu imbere yanje, numva ndatangaye nsanga ayo mazina ndiko ndayandika, nsubiramwo amazina, nongera nsubiramwo amazina.
Amaraso yasesetse…
Uhoraho Mana hari benshi basheshe amaraso, mw’izina rya Yesu, turaciye bugufi imbere yawe dusaba imbabazi, abiba barivye, n’uyu munsi abarundarundanya bariko bararundarundanya. Mw’izina rya Yesu, abatwaza igitugu bariho, abarenganya abantu bariho, abasambanyi baruzuye. Mw’izina rya Yesu, abakorana inzigo, ishari, urwanko, abagenda bihora, baruzuye, turaciye bugufi, ubwibone bwo mu mitima buruzuye.
Mana yo mw’ijuru, twaragiriwe ubuntu dushirwa mu bibanza kanaka, umuntu yashikayo akagara ukamengo niwe yahishize, nuw’Imana yacishijemwo agasigara amusuzugura umengo ntaco amaze. Ivyo vyose uno munsi uriko urabiraba, Uhoraho. Mw’izina rya Yesu, bikakubabaza ko abantu bigize abakomeye, abahambaye, abiyimitse, abihaye ivyo bafise.
Mana yo mw’Ijuru, uyu munsi abafise babandanya kurundarundanya. Mbere bakarondera nivy’abanyantege nke, abato, bakavyikwegerako bakanyaga n’abato, bakanyaga n’abari bafise bike. Mana yo mw’ijuru, twaragucumuyeko, turaciye bugufi, aya mavi dupfukamitse kuri uno munsi abahambaye n’aboroshe dukubitse ibipfukamiro dusaba imbabazi. Abakozi b’Imana turapfukamye dusaba imbabazi, aho twanjanjwe, aho tutahagaze mu myanya yacu, aho tutakoze ivyo twategerezwa gukora, aho twavugishije ibinyoma, mw’izina rya Yesu, aho twisutse mu bitaturaba.
Mw’izina rya Yesu, turaciye bugufi, turasavye ikigongwe, aha twaje ngaha, turi mu mu gishingo c’abandi barundi batari ngaha mwami w’abami, turagupfukamiye. Erega mwami ngo nitwaca bugufi tukihana ivyaha vyacu, ngo uzoduharira, uharire n’igihugu cacu kandi ngo naho imvura yoba yataze izogwa, uhoraho twihanye ivyaha ntakabuza imvura y’umugisha izogwa mu gihugu cacu c’Uburundi.
Ubutare n’agataka vy’u Burundi
Mw’izina rya Yesu kristo, bwa butare, bwa butunzi waduhaye, kandi nivy’ukuri, harageze yuko buja ahabona, bugateza imbere umurundi wese, atari bamwe gusa, atari bamwe gusa, atari imigwi imwe gusa, hamwe umurundi wese ashikigwa. Waradutungishije muri sous-sol yacu, harageze ko bija kumugaragaro, harageze ko bidutungisha. Harageze, harageze, harageze, kumbure vyagumye binyegejwe kubw’intege nke zacu, kubw’ivyaha vyacu. Utubabarire, utubabarire hanyuma Mwami, ubutare bwacu buje ahabona, bucukugwe, mukuri, mu rutonde rwiza, hanyuma tumererwe neza.
Mw’izina rya Yesu kristo, ivy’ibitoro twabuze, birashoboka ko ibitoro tubironka muri kino gihugu tukamererwa neza. Amaraso ya Yesu atweze gose adutunganye.
“Isengesho ryihishijemwo intumbero y’amatora”
Ku bw’umusesanguzi w’ajambo akaba n’umwigisha muri za kaminuza, abantu bari mu gihe batakigira ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro ku mugaragaro, uyo mu pastori ashaka kwigaragaza nk’uwuhishurirwa kandi ari ku gikorwa kidasanzwe, agaragara nk’umuntu aremerewe n’imitwaro y’ubwicanyi n’ayandi mabi akorwa n’abiwe (uhereye ku munega wiwe, umugambwe arimwo n’ubwoko bwiwe).
Umuhinga mu gusesangura amajambo yibutsa ko umwaka w’2019 ari umwaka utegura n’ikiringo c’amatora. Twishimikije ibiranga ibiringo vy’amatora nkuko vyanditswe n’umuhinga Anne Marie Gingras, umwaka w’2019 uzoba umwaka utegura ikiringo co kwiyamamariza amatora.
Denise Bucumi akoresha imvugo irimwo ibintu 4 bikomeye mw’ingesho ryiwe ryihishijemwo intumbero y’amatora :
Ubwambere, ukwatura ivyaha (yemanga inganda nyinshi zatikiye mu Burundi). Aha yigaragaza mbere akishira mu kibanza c’uwiyagiriza, yakoze amabi kandi akanayemanga : “Raba turapfukamye, turi ku mavi imbere yawe”
Mu gukoresha ijambo “Tu”, yishira mu kibanza c’abasasitse inganda, akifatanya n’abicanyi mukubasabira imbabazi.
Igihugu c’Uburundi gifatwa nkuko kirimwo abanyagihugu benshi b’abakristu, bashobora gutahura no kwemera umuntu asavye imbabazi. Bucumi arazi neza adakekeranya ko abarundi bazokorwako n’isengesho yagize.
Ivyaha yatura : “hari benshi basheshe amaraso, mw’izina rya Yesu, turaciye bugufi imbere yawe dusaba imbabazi”.Aha aratanga urutonde: Ivyaha vy’amaraso : abantu baragandaguwe n’abagenzi babo, vyukuri amaraso yarasesetse. Ivy’igihugu vyarasahuwe, harabarenganya abandi, urwanko, ukwihorana, ubwibone bw’abagenywe mu mabanga, ubwirasi bw’abatunzi, abasambanyi, abadashima ivyo bafise baguma basahura utwabandi, bakananyaga n’abakene.
Gusaba imbabazi mu kibanza c’ubategetsi
“Abakozi b’Imana turapfukamye dusaba imbabazi, aho twanjanjwe, aho tutahagaze mu myanya yacu, aho tutakoze ivyo twategerezwa gukora, aho twavugishije ibinyoma, mw’izina rya Yesu, aho twisutse mu bitaturaba […]. Erega mwami ngo nitwaca bugufi tukihana ivyaha vyacu, ngo uzoduharira, uharire n’igihugu cacu kandi ngo naho imvura yoba yataze izogwa, uhoraho twihanye ivyaha ntakabuza imvura y’umugisha izogwa mu gihugu cacu c’Uburundi”.
Muri ayo majambo, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ashaka gutera intege abarundi bose muri rusangi n’abagumyabanga vy’umwihariko. Arondera kandi gutanga icizere ku barundi ko imbere ari heza mu kuvuga ngo: “bwa butare, bwa butunzi waduhaye, kandi nivy’ukuri, harageze yuko buja ahabona, bugateza imbere umurundi wese”.
“[…]Mw’izina rya Yesu kristo, ivy’ibitoro twabuze, birashoboka ko ibitoro tubironka muri kino gihugu tukamererwa neza […]”, Umuhinga mu gusesangura yerekana ko muri iryo sengesho, umutambukanyi wa Petero Nkurunziza abona ko amabi yakozwe azogira ingaruka ku matora yimirije na cane cane ku mugambwe arimwo, akerekana ubwoba n’amakenga afise mu ntumbero yo kugabisha abicanyi mu kubibutsa amahano abarindiriye ku vyaha bakoze.
Aha, Deniza Bucumi yashatse kwikundwakaza ku bakorewe ivyaha hamwe n’abiciwe ababo mu kwerekana ko ababaranywe nabo.
Kugira ashobore guhangana n’umwaka w’2019 utegura amatora atabwoba, agerageza gutegura urubuga rwa poritike mu kwatura, mu gusaba imbabazi no mu kwemera ko ibintu bigiye guhinduka kandi abasuku babi bagiye kubona amahano.
Aheraheza igisabisho ciwe amenyesha ko kazoza kagiye kuba keza cane, mu majambo make ahamagarira abazotora kugarukana icizere ku ndongozi z’uburundi n’izizotorwa, no gusubira kwongereza kugira ukwihangana.