Icegeranyo c’abahinga ba ONU carungikiwe inama nkuru y’umutekano ya ONU kuwa 18 Kigarama 2018 kiratuga urutoke Leta y’Uburundi mw’ihungabanywa ry’umutekano w’ibihugu bibanyi. Muri ico cegeranyo, abahinga bavuga uruhara rwoba rwagizwe n’ubutegetsi bwa Nkurunziza mu gufasha umugwi w’abagwanyi b’abanyarwanda barongowe na Kayumba Nyamwasa yahoze afise ipete rya General mu gisirikare c’Urwanda. Vital Nshimirimana arongoye urunani rw’amashirahamwe yigenga mu Burundi na Onesime Nduwimana yahoze ari umuvugizi wa CNDD-FDD bavuga ko biteye agahinda kubona Leta y’Uburundi ifasha mu bikorwa vyo kwinjiza abarwanyi no guhwa ibigwanisho imigwi iri muri Congo y’ubumanuko
Inkuru ya Gilbert Niyonkuru
Ico cegeranyo giheruka gusohorwa vuba n’abahinga ba ONU kubijanye n’ibikorwa vyo kwinjiza abantu no guha ibirwanisho imigwi y’abarwanyi ivugwa ku butaka bwa Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo “RDC” kimenera inda ku rukumu. Abahinga ba ONU bemeza ko bavuganye n’abahoze ari abarwanyi b’umugwi batazira “P5” abandi bita “Congres National du Rwanda” canke “umuhari wa Kayumba Nyamwasa”. Ico cegeranyo cerekana ko uwitwa Rashidi ariwe atanga amafaranga yo kwiyunguruza ku bagwanyi babanza gucanwa i Bujumbura imbere yuko bashikanwa ku kirindiro gikuru c’uwo mugwi w’abagwanyi kiri mu gace k’ishamba rya Bigombo mu bumanuko bwa Congo.
Ivyabona vy’abahinga ba ONU vyemeje ko abo barwanyi binjira muri Congo bavuye mu Burundi bagaca mu Kiyaga Tanganyika canke bakambukira mu ruzi Rusizi. Abo bahoze ari abarwanyi bashingiye intahe abahinga ba ONU bemeje kandi ko uburyo bugizwe n’infungurwa n’ibirwanisho kuri uwo muhari biva mu Burundi. Icegeranyo kivuga ko buri kwezi hari imiti, ibifungurwa, ibigwanisho amasasu, imyambaro n’ibirato vya gisirikare bihabwa abarwanyi bivuye mu Burundi. Ivyo vyabona ahanini bigizwe n’abarundi, abanyarwanda n’abaganda bavuze ko igikorwa co gutanga ibirwanisho biturutse I Burundi giheruka kuba ubwanyuma muri Nyakanga 2018. Ibindi birwanisho ngo vyari vyatanzwe muri Ruhuhuma na Ndamukiza uwo mwaka nyene bikaba vyinjijwe i Congo bipakiwe mu mato yaciye mu kiyaga Tanganyika avuye mu Burundi.
Ico cegeranyo cegeranyo ngo caje gushimangira ivyari bimaze gushikirizwa n’abahurikiye mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi n’amaradiyo yigenga kubijanye n’uhara rwa Leta y’Uburundi mw’itunganywa no gushigikira ibikorwa vy’imigwi y’abarwanyi yitegurira guhungabanya umutekano w’igihugu c’Urwanda.
Imbere yuko haduka indyane mu Burundi zishimikiye kwihonyangwa ry’ibwirizwanshingiro n’amasezerano y’amahoro no kunywanisha abarundi yaterewe igikumu i Arusha, imbonerakure za CNDD-FDD zararungitswe mu myimeneyerezo ya gisirikare ku butaka bwa Congo. Ariko ico gikorwa cahavuye gihurirana n’ingingo ya ONU yo gutuza imigwi yose y’abarwanyi n’iyinkorabara ivugwa ku butaka bw’ico gihugu.
“Aho gufasha mu gikorwa co gutuza imigwi y’abarwanyi mu gihugu ca Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo, Leta y’Uburundi ahubwo yobaba yaciye iha indaro interahamwe za FDLR inabafasha mu buryo butandukanye. Muvyukuri, Leta y’Uburundi ntinacinyegeza, ivyo ubu ibikora izuba riva kandi sinibaza ko nico cegeranyo ca ONU hari nico kiyibwiye”, bivurwa na Vital Nhimirimana arongoye urunani rw’amashirahamwe yigenga FORSC. Yongerako koi co cegeranyo ca ONU kidashobora gutuma Leta y’uburundi ijugumira.
Kubwa Onesime Nduwimana, “Nkurunziza n’akarwi kiwe, babonye ko batagishobora kuronka insiguro kundyane za politike n’ivyago bigoye gusigura bateje Uburundi, ubu bariko barondera kw’iheka ku migwi y’abarwanyi kugira bateze ingwano mu karere kibiyaga binini”. Aha arasigura neza ico ciyumiro ciwe : Kurondera abo bakorana mu guteza imidugararo mu karere vyoshobora gutuma ikibazo c’intandaro y’indyane za politike mu Burundi cibagirwa canke ntigisubire kuzanwa mu vyihutirwa kwicarira. Inzira yo kurondera gukora mu nkovu zitarakira mu kubiba urwanko rw’amoko n’ukudahana ivyaha ntakindi bigamije Atari gukaburira abantu kwihorahorana”
Uwo yahoze ari umuvugizi wa CNDD-FDD asigura ko Petero NKURUNZIZA abandanya yiteza utunyoni kugira umwanya ube uragenda, ivyo akabicisha mu mikenyuro itandukanye yo kwigumiza ku butegetsi :
“Akoresha abantu batandukanye basohora inyandiko, abigira abahinga ku mbuga ngurukana bumenyi atayindi ntumbero bafise atari ugusamaza abarundi n’amakungu kugira ikibazo c’indyane n’ingorane nyamukuru biri mu Burundi ntibihabwe agaciro. Izo nazo ni izijanye n’intwaro ibereye, gutubahiriza amasezerano yapfunditswe n’amategeko y’igihugu. Ivyo ni navyo vyatumye ababiharanira bagandagurwa abandi baranyuzwa gushika naho Leta yagirizwa ubwicanyi bw’agahoberamunwa n’ubwicanyi ndengerabutungane.”
Leta y’Uburundi igomba gusotora intambara mu karere : “Uburundi buramutswa n’akagwi kagomba gukwenga amahano. Nkurunziza aheruka gukoresha umukenyuro wo kuza arifatira mu gahanga no kuremeka inteba ishushe nabi abafasha Uburundi n’ibihugu bibanyi kandi uwo mukenyuro usa n’uwamufashije cane kuntumbero yarafise”. Bivugwa kandi na Vital Nshimirimana. Muciyunviro ciwe, asigura ati : “ Kubera ko batari basanzwe bamereye uwo mukenyuro wo kuremeka inteba ishushe no gucokorwa, benshi mubagize ibihugu muzamakungu n’abafasha Uburundi bahisemwo kwigenza buhoro no kugukeresha ubwitonzi bwinshi imbere yiyo nyifato ya Leta y’Uburundi. Ariko aho kwigenga ubuntu, ibihangange muri Leta ya Nkurunziza babandanya bakora ibimaramaje mbere kenshi binarusha uburemere ivyo bamaze gukora. Kuri uwo murindi buriko, ubutegetsi burondera gusamaza kugira burabe uko bwosohoka mu bibazo burimwo.”
Ico ciyunviro bagihurizako na Onesime Nduwimana aho yibutsa ko Nkurunziza atako agira ngo asamaze amakungu kubwicanyi buruko bukorwa mu gihugu no kwikundwakaza kuri basomambike biwe cokimwe n’ababohewe amaboko imugongo kuko atakundi bari bugire bagahitamwo gushimagiza Nkurunziza nk’uwufise ico ariko aharanira.
Ni no muri iyo ntumbero abahutu bikundwakaza kwa Nkurunziza kandi banyewe n’amacakubiri birirwa bavuga ko Nkurunziza ariko urwanya ubutegetsi “buri mu mitwe y’abantu bwitirirwa ubwoko bw’abahima, Empire HIMA”. Ikimenyetso c’anyuma n’ivyashikirijwe ku rwandiko Perezida Museveni yarungikiye Museveni. Kubwa Vital Nshimirimana, Nkurunziza ntaco azokunguka muri uwo mukenyuro. Ngo akikijwe n’abantu ataco bibanga kandi batabona neza inkurikizi yivyo barimwo. Ngo ni akagwi k’abantu badafise ubumenyi mu bijanye n’amabanga y’igihugu n’ineza y’iguhu n’abarundi.
“Ikintu umuntu yovuga nuko, ivyo Leta y’Uburundi iriko irakora biza bivyemeza amakenga kuva kera yamye ashikirizwa n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu ko Leta y’Uburundi ifise umugambi wo kuvyura akarambaraye no gusotora ihonyabwoko mu Burundi”.
Icegeranyo c’ahahinga ba ONU carungikiwe inama nkuru y’umutekano ya ONU kuwa 18 Kigarama 2018 kivuga ko abarwanyi ba Nyamwasa bataratera igihugu c’Urwanda. “Abo bahoze ari abarwanyi( bashingiye intahe abahinga b’umugwi NDLR) bemeje ko batigeze batera Urwanda ariko ko bamaze gutana mu mitwe n’imigwi y’abarwanyi b’abarundi iri muturere twa Fizi na Uvira harimwo abarwanyi ba FNL irongowe na Aloys Nzabampema, umurwi Red-Tabara hamwe n’aba Maï-Maï.