Iturika ry’ama grenades vyimonogoje birahungabanya agahengwe k’umutekano muke kari gasanzwe Gateye amakenga

Vyandikwa na  Millicent Zighe,

Urukurikirane rw’iturika ry’ama grenades rwahitanye abantu babiri(2) bitavy’imana, hongera hakomereka abashika muringo ibiri n’abatatu(23) mu mihingo itandukanye y’igihugu kuva uwu mwaka utanguye.

Abajejwe amatohoza mubaharanira agateka ka zina muntu bamenyesha ko  n’imiburiburi ibitero bishika icenda(9)  bitandukanye vy’ama grenade vyakozwe, bigakorwa  cane cane ku kw’ihorahorana hamwe n ‘ukutihanganirana muvya politike bigaragara mu gihugu  < ivyo bitero bikaba cane cane bigabwa   ku mihana canke mu  bibanza rusangi   hakoraniye abantu benshi. Wihweje neza abo bigabwako biraboneka ko harimwo imvo z’inyungu kubantu basangiye canke imvo za politike> iVyo bigashikirizwa mu vyegeranyo vy’ishirahamwe SOSTorture/Burundi.  Imvo  y’ugutanguza amatohoza y’iryo shirahamwe n ukugira basesangure amabi akorerwa  kiremwa muntu bongere babishire ahabona n’amakungu amenye ibiriko birakorwa

Mukwezi kwa kabiri kwonyene abantu bagera kuri cumi na batanu(15) barakomerekeye  mu bitero bibiri vy’ama grenades , Mu kwezi kwa mbere nako, umuntu umwe yarishwe  abandi  babiri barakomereka mu gitero  c’ama grenades. Umuntu umwe yaramenyekanye ko yitavye imana mu kwezi kwa kane , abandi batatu barakomereka mw’iturika rya grenade   mu kwezi kwa gatanu.

Umuntu umwe yarapfuye mw’iturika rya grenade mu kwezi kwa mbere 2019 muri commune Ntahangwa. Ababibonye bamenyesha ko  umu polisi umwe hamwe n’umupfasoni bakomerekeye murico gitero . Hakurikiye ihigwa ridasanzwe ry’abagizi ba nabi ryakozwe n’igi polisi muriyo quartier ryatumye hahagarikwa  abantu isinzi bagwiriyemwo urwaruka ariko akaba atanumwe yashikanywe imbere y ubutungane.

Ferdinand Hakizimana n’abana biwe babiri baritavye imana italike 5/01/2019 bahitanywe na grenade yatewe mu rugo iwabo mu ntara ya Kirundo. Hakizimana akaba avukana na musitanteri wa commune ntega .

Akaba ata muco uraja ahabona kubakoze iryo bara na cane cane ko igi polisi kitashoboye gutora ababikoze.

Italike 27/01/2019, abantu munani(8) harimwo abana bane(4) barakomerekejwe bikomeye na grenade yatewe mu kirabo barimwo. Ico kirabo kikaba arica Nduwayo  umunywanyi w’umuhari w’inkorabara Imbonerakure wegukira umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi. Bikaba vyikekwa ko arabantu babikoze mukugomba kwihora amabi akorwa n’abagize uwo muhari w’imbonerakure.

Akaba ata n’umwe mu bakekwa kuba barakoze igitero  arahagarikwa gushika uwu munsi.ikindi gitero ca grenade carakozwe ku musozi kaburantwa wa commune Buganda kikaba cakomerekeje bikomeye abantu bane(4) mugihe abandi batatu(3) bakomeretse bisanzwe. I gi polisi kimenyesha ko cahagaritse uwikekwako yoba ari mubakoze ico gitero.

Iyindi grenade yaraturitse igenekerezo rya 24/02/2019 muri commune Mpanda ariko akaba atawe yakomerekeje, naho biruko,  amatungo afise   agaciro kataramenyekana yarononekaye. Igi polisi kimenyesha ko cahagaritse abantu batatu bikekwa gukora ico gitero bakaba bafatiwe ahitwa Rugenge Hills  muri zone Butanuka.

Granade yarahitanye umwana w’imyaka 12 igenekerezo rya 15/04/2019 , uwo mwana w’’umuhungu akaba  yahumutse  ahasanzwe hanyegeje ibigwanisho bicira umuriro bivugwa ko arivya se wiwe uwo nawe akaba ari umwe mubagize umurwi w’inkorabara imbonerakure, Ubutegetsi bwarataye muri yompi se  w’uwo mwana ariko bukaba bwahavuye bumurekura ata n’icaha bumwagirije.

Abagizi ba nabi batamenyekanye barateye grenade ku rugo rwa Nterena muri commune mpingakayove intara ya Rutana igenekerezo rya 6/03/2019, Abamwegereye bamenyesha ko nyene guterwa yakomeretse mbere agacika intoke ziwe zitatu. Muruko kwezi nyene umuntu umwe yarakomeretse bikomeye igihe hategrwa grenade mu muhana iwe mu gasenyi muri commune Buganda, I gi polisi kikaba kitashoboye kumenya canke ngo gihagarike abikekwa kuba barakoze ico gitero.

Abantu batatu barakomeretse bikomeye inyuma y’iterwa rya grenade muri commune Rugombo mw’’ijoro ryo kuwa 28/04/2019. Umwe mu rwarukarw’imbonerakure azwi kuritazirano rya Kajagari akaba arimubagabweko ico gitero ariko akaba yarashoboye kurusimba

U Burundi bukaba bwugarijwe n’umutekano muke uturutse ku ndyane ziri ku murundi uciriritse  kuva aho umukuru w’’igihugu Petero Nkurunziza atorewe ikiringo ca gatatu kitahurijweko na bose mukwezi kwa kane 2015.

Leave a Reply