Ubukozi bw’iki n’iterabwoba nivyo bisigura umurwi w’inkorabara wegamiye leta, Imbonerakure

Vyandikwa na Millicent : Nairobi.

Ubwicanyi, guhohotera, kunyuraza abantu bakagenda amazimayongo nivyo  bigize urudandaza  rw’umurwi winkorabara wegamiye umugambwe  « Inama y’igihugu y’ukugwanira demokaratie,  ingabo zigwanira demokratie  (CNDD FDD)»

Ijambo imbenerakure risigura mu kirundi kubona  kure , akaba aribo batera ubwoba imitima myinshi, abagize uwo murwi nibo bagirijwe kuba batera abatavuga rumwe na leta mu mihingo itandukanye y’igihugu. Ubukozi bw’ikibi bwabagize uwo murwi bwafashe umurindi ukomeye kuva muntango z’umwaka wa 2019, ariko bakaba aribo bagiye barabokena cane bubugizi bwa nabi kuva  intureka igitangura mu burundi

Imbonerakure zarishe  ziciye imitwe abagore babiri zikoresheje imipanga mu ntara ya makamba italike 14 ntwarante 2019.  Abo bagore bariko bivuna akanyota mukirabo  igihe izo mbonerakure zabahwikira.

Nkuko vyashikirijwe n’abaharanira agateka ka muntu bo mwisekeza SOSTorure /Burundi, inyuma y ubwo bwicanyi bwagashinyaguro nta numwe yahagaritswe mubikekwako ico caha.

Imbere yaho, igenekelezo rya 24 ntwarante 2019, ndayizeye Aimable  wo muri commune Busoni yarashwanye  n’umwe murwaruka rw’imbonerakure azwi kw’izina rya Toyi  bapfuye ko atari bwugare ikirabo ciwe, niho iyo mbonerakure yasogota imbugita   Ndayizeye Aimable aca aritaba imana.

Naho nyene gukora icaha yahagaritswe n’igi polisi, ntacaha yigeze yegekwako mbere  bikaba bigoye kumenya iherezo  y’iryo tohoza.

Abaharanira agateka ka muntu muri SosTorture/Burundi  babandanya barungikirwa ubutumwa bwo mwibanga  n’abakorerwa ivyaha biciye kubuhinga ngurukana bumenyi,(courrier électronique) abo nabo bagakoresha inguvu zose kugira  bagume bamyesha, abarundi n’amakungu umurindi w’ivyaha bibandanya bikorwa mu Gihugu.  Naho biruko, ibikorwa vyabo baharanira agateka ka muntu ntivyoroherezwa n’abakozi b’’iperereza babandanya bater’ubwoba abakorewe ivyaha kugira ntibacutse umutima wo kuvuga n’ugushira ahabona amabi baba bakorewe.

Abagira imana bakarokoka muminwe y’imbonerakure bahakura ibikomere bikomeye,  Pierre Nzoyisaba n’umwe murabo.  Yarashoboye  gucika kw’icumu italike 1 nzero 2019 yazibaguwe ibibugita, ibintu vyiwe vyose birasahugwa urukombamazi. Uwo munsi nyene Alphonse Nibigira wo murako karere  nyene, yarashoboye kurusimba, inyuma  yaho umurwi w’imboneraka umuhohoteye muri commune Rugombo.

Leta y’uburundi ibandanya kugira ingwano n’abatavuga rumwe nayo ibicishije kur’uwo murwi w’imbonerakure. Abantu batandukanye bo mu mugambwe ukomeye muyitavuga rumwe n ubutegetsi  CNL barakubaguwe,barahohoterwa n’imbonerakure zibagiriza gukora inama zitarekuwe n’amategeko.

Marc Rwasa, Salvator Sinzobatorana, na  Samuel Mugisha barakubiswe vyagashinyaguro  ku musozi Rukore komine  Ntega . Ababibonye bamenyesha ko izo nkozi z’’ikibi zabikoze kw’itegeko ry’uwutwara umusozi Rukore Damascene Karuhura.

Bukeye bwaho uwuserukira umugambwe mu ntara yakubiswe bikomeye muri komune Mutaho . Uwo yakubaguwe akaba yarashoboye kumenyamwo umukuru w’imbonerakure Emmanuel ndayikengurukiye  mubateguye ico gikorwa kigayitse.

Ku musozi Butezi komine Giharo  umurwi w’inkorabara  warakubaguye Nicaise kabura ku mugoroba wa 17 Ruhuhuma 2019. Uwo murwi wabanje kumusukako amazi imbere yo kumuhuragura, ukaba wagiriyeko umutwara  telefone yiwe, i gipolisi naco caciye gifata uwakorewe icaha nayo abakoze amabi baguma  bidegemvya.

Ukudahanwa k’uwo murwi w’imbonerakure kugeze kuregero rutey’ubwoba kuburyo  uwo murwi ugenda uratoza amahera  mu mihana ukoreramwo.

Mu Rumonge umudandaza ategekwa  gutanga amafranga y amarundi angana ibihumbi bitanu(5000fbu) yo kubaka ibiro vy’intara.

Abigisha bategekwa kuriha amafaranga angana ibihumbi cumi na bibiri n’amajana atanu(12.500fbu)canke gutanga umufuko w’i ciment .

Abanyagihugu  bose bahamagarigwa guterera amatora yo mumwaka w’2020.

Naho bimeze gutyo, rimwe na rimwe  ubwo bu bisha bukorwa n’imbonerakure harigihe  bugaruka kuri banyene kubukora. Mu kwezi kwa kabiri(Ruhuhuma 2019) Umwana w’umwe mumurwi w’imbonerakure afise imyaka 12, yaritavye imana mu ntara ya Bubanza ahitanywe na Grenade yariko arakinisha muhira iwabo. Se w’uwo mwana yoba yarafise ibigwanisho bicira umuriro yashinguye muhira arivyo uwo mwana yahumutseko.

Umurwi w’imbonerakure ukaba watanguye gukomera mumwaka wa 2015 inyuma yaho umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza atorewe ku  kiringo kigira gatatu kitahurijweko nabenshi,italike 26Ruheshi 2015 ivyatumye igihugu cinjira mubihe bitoroshe vy’’umutekano muke n’ubwicanyi butandukanye , abaharanira agateka kazina muntu ntibahengeshanije gusabira ibihano uwo murwi w’urwaruka ishirahamwe mpuzamakungu onu ryise umurwi w’inkorabara.

Leave a Reply