Vyandikwa na Millicent Zighe
Leta y’uburundi isabwa ubudahengeshanya kurekura impfungwa za politique, uhereye kubahejeje umunyororo, abejejwe n’ubutungane ariko abo bose bakagumizwa mumunyororo binyuranye n’amategeko, ivyo bikaba vyashizwe ahabona mu cegeranyo cerekana ko amazu y’amabohero yahindutse ibibanza vy’uguhohoterwa n’ayandi mabi atoteza kiremwa muntu.
Icegeranyo c’ishirahamwe rukristu rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (ACAT-Burundi ) ryemeza ko amazu y’amabohero mu Burundi afise uboshobozi buri munsi incuro zitandatu(6)bw’ukwakira abanyororo ayo mazu afise uwumunsi. Ayo mazu akaba mbere ya hindutse ibibanza Imbonerakure zikoreramwo amabi y uguhohotera kiremwa muntu.
Akarorero n’ibohero ry I Muramvya rifise ubushobozi bw’ukwakira abanyoro bangana ijana(100) ariko ubu rikaba ririmwo abanyororo bagera k umajana atandatu na mirongo itanu n’indwi (657)
Ibohero rikuru rya Mpimba naryo rifise abanyororo bangana ibihumbi bitatu n’amajana atanu na mirongo umunani na bane(3.584) n ukuvuga igitigiri kirenga incuro zine abo ryagenewe,
Amazu y amabohero yo mu Rumonge na Gitega afise abanyororo bangana igihumbi n ijana na mirongo icenda n icenda(1.199) hamwe n’igihumbi n ijana na mirongo umunani(1.180) mugihe iryo mu Rumonge ryagenewe amajana atandatu (600) iry i Gitega naryo (400)
Ku banyororo barenga ibihumbi bitandatu n’amajana atandatu na mirongo itandatu n indwi (6.667) bari murayo mabohero ane gusa, igitigiri kingana ibihumbi bitatu n’ajana umunani n’ababiri (3.802) hafi igice z’abapfunzwe akaba aribo bonyene bamaze guciribwa imanza.
Ibimenyeshwa bikanashikirizwa n’ishirahamwe ACAT rifatiye kuvyegeranyo vya SOSTorture bisohoka kundwi kundwi, rikaba ari rimwe mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike rishirahabona amabi akorerwa kiremwa muntu mu burundi. Kuva uwumwaka utanguye rikaba rimaze gushirahabona ihagarikwa n’ipfungwa ridaciye mumategeko ry abantu barenga amajana abiri(200) bagizwe n abatavuga rumwe n ubutegetsi mbere benshi muribo bakaba bapfungiwe mubusho butazwi n amategeko.
Ishirahamwe ACAT rikaba ari ishirahamwe ryahamagiriye abantu kuja mumyiyerekano y ugusaba kwubahiriza I Bwirizwa nshingiro n’amasezerano y amahoro yi ARUSHA, inyuma yaho umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amanyesheje ko agiye guhiganirwa ikiringo ca gatatu muri ndamukiza umwaka wa 2015.
Ishirahamwe ACAT rikaba riri mumashirahamwe ru kristu ACATS akukira urunani FIACAT , iryo shirahamwe rikaba ryarabandanije mugushirahabona amabi abandanya akorerwa kiremwa muntu mu Burundi na cane cane ayakorerwa mu mazu y amabohero, Acat rikaba ryaraharaniye ihanagurwa ry’igihano c’ugupfa mumategeko y’igihugu.
Mu mpera z’ukwezi kwa munyonyo 2018, amabohero y igihugu harimwo abanyororo bangana ibihumbi cumi(10.000) hafi incuro zibiri n’igice ku gitigiri amabohero y’uburundi afise ubushobozi bw’ ukwakira abanyororo kitarenga ibihumbi bine(4000).
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaratanze itegeko ry’ugutezurira abanyororo bagirizwa ivyaha bito bito (Delits mineur)
Bikaba bibaye ubwa gatatu kuva intureka ifatiye ku kiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu itanguye mu mwaka w’2015.
Muri rusangi abanyororo ntibaronka ababunganira muvy’amategeko, amabohero afise u buryo bucirritse, haba muvyo gufungurigwa, canke muvyo kwivuza, ugufungura nabi, ukutaronka ingene bavurwa nivyo bigaragaza amazu y’amabohero muri kino gihe.
Abaharanira agateka ka muntu bamenyesha ko umunyororo ugeramiye ubuzima bw’abapfunzwe bagahamagarira abantu gukora ibishoboka vyose kugira ibintu bihinduke.
Imbonerakure, umuhari w’inkorabara wegamiye umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi baraheza bakigira nkabari mumirwi y umutekano murayo mabohero, ibiheza bikaborohereza mukwinjira muburaho bw’banyororo n ukubakubagura
Uwo murwi uraregwa kandi gutera n’uguhagarika abatavuga rumwe n ubutegetsi aho basanzwe baba I Bujumbura.
Naho Ubuyobozi bw’amabohero bwemereye abanyororo kwandikisha imanza munzego z’ubutungane, amatohoza ntiyigeze ater imbere. Leta nayo yamirirakure ibivurwa igashikiriza ko ari irementanya ry abashaka gucafuza ubutegetsi n igihugu.
ACAT imenyesha ko abasohoka amabohero baza bafise uguhahamuka kubera ubuzima babayemwo bikumvikana ko hakenew ubufasha bw’ukubakurikirana.
Leta ikaba ataburyo yigeze itanga mu mazu yotegura abahora bapfunzwe mu ntumbero y ukubasubiza muzabo babanje kubibagiza ubuzima bubi bahozemwo mumabohero.
Acat ikaba ifise abaharanira agateka ka muntu bangana murongo irindwi n ababiri(72) batohoza bakongera bagashira ahabona ihohoterwa rya kiremwa muntu. Kuva igishingwa yarashoboye guhimiriza leta kugira igihano co gupfa gihanagurwe mumategeko y uburundi. Abacunga ama bohero nabone bararonkejwe inyigisho zingene bo bungabunga ubuzima bw’imbohe. ACAT ntiyahengesheje guhimiriza leta ko yokurikirana ikibazo c’abahungabanya agateka ka muntu muntumbero y’uguha ishusho ryiza igihugu mu makungu, murabo hari abategetsi mu buyozi bw’amabohero batarangura amabanga yabo nkuko vyari bitegekanijwe.