Vyandikwa na Millecent Zighe
Abagore n’abigeme bahunga intureka ya politike mu Burundi bahura n’ingorane z’amabi y’’ugufatwa ku nguvu n’ayandi mabi afatiye ku gitsina, muma kambi yo muri Tanzaniya, Rwanda, uganda hamwe na Republiqua Iharanira demokarasi ya Congo(RDC).
Icegeranyo gishasha c’inama nkuru ya Onu ijejwe ibibazo vy’’impunzi (HCR) kimenyesha ko bamwe mubakorewe ayo mabi baronse ubufasha, abandi batari bake ntibabishirahabona mugihe uburyo bwo gukinga ayo mabi butagaragara.
Abagore n’abigeme bakunze kuba bageramiwe nayo mabi ugufatwa kungu nayandi mabi afatiye ku gitsina na cane cane iyo bari mu makambi y impunzi, bikunyugwa n’imico n’imegenzo ifatiye kumibonano mpuzabitsina
Dufatiye ku mugambi w’akarere kubijanye n’inyifato y’impunzi z’abarundi nkuko wateguwe na UNHCR 2019-2020.
Abantu barenga ibihumbi amajana ane (400.000) barahunze u Burundi, bafashe ahanini inzira zine zitandukanye na cane cane i Tanzaniya, mu Rwanda, Uganda na Republika iharanira demokratie ya Congo(RDC), aho n’inyuma y’imvururu ya politike yaturutse kukiringo ca gatatu umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yihagiye binyuranye n’amategeko bikaba vyiyamirijwe n’abantu batari bake. HCR mu biharuro vyayo yerekana ko abantu barenga 192160 bahungiye muri Tanzaniya, 71 490 mugihugu c’Urwanda, 43 419 RDC hamwe na. 36 647 i b’Uganda.
Amabi y’ugufata ku nguvu abagore n’abigeme hamwe n’ayandi mabi afatiye ku gitsina yafashe umurindi utey’ubwoba i Congo hamwe no mu makambi y’impunzi.
Ivyo navyo bikunyurwa n’urwego rw’ubutungane rugoyagoyaa , ukuba urugero rw’abagore mu nzego zifata ngingo ari ruto cane , ubukene bw’uburyo bw’ubwiyungunganya, hamwe n’akaryo ku kw’igishwa ibijanye n’amabi akorerwa i gitsinagore,, bikaba vyashikirijwe na HCR.
Ukugurisha umuburi kubera ubukene, ukudahana kw’abagirizwa ivyaha vy ugufata ku nguvu n’amabi ashingiye kugitsina , ukudahurumbira imigambi yo gukinga ivyo vyaha, hamwe n’ubukene bw’inkwi z’ugucana nibimwe mubituma abagore n’abakobwa baja kuzirondera mumashamba, aho naho horohereza abakora ayo mabi akaba ari bimwe bituma ayo mabi ashingiye kugitsina atsimbatara cane cane mubantu bari mu buhungiro.
Mu gihugu c’u Rwanda ahari impunzi zingana 71 490 na cane cane mu makambi ayo mabi ntakunzwe gushigwa ahabona bigatuma haba abatwara inda z’indaro nyinsi hamwe n’abaheba amashure canke bagakumirwa navyo bigakwega , kurondeza ubuzima biciye mu kudandaza umubiri, hamwe no gusega canke gusabiriza.
Mu makambi ya Mtendeli, Nyarugusu, na Nduta, muri Tanzaniya yakiriye impunzi zirenga 192160 ubu zarabujijwe gukora ibikorwa vy’’ukwiyungunganya ngo basahirize uburyo buke baronka bwúkwitunga
Leta yarabujuje urudandaza rw’ibikoresho vy’ugutumatumanako amakuru hamwe n’ibidandazwa vyose atari ibifungurwa.
Uburyo bw’ukwakira impunzi burimwo agatosi gakomeye kuburyo impunzi ziburabuzwa , zigaterwa n’ubwoba kugeza naho bahohoterwa hakoreshejwe igikenye c’abategetsi.
Bagereranya ko muri kigarama umwaka w’2020 hazoba hasigaye impunzi zigera 31.000 zonyene, n’ukumenya kandi ko igice kinini c’’impunzi kigizwe n’abana, abenshi muribo bakaba bagendana ibikomere k umutima bakageramirwa n’ugukoreshwa ibikorwa biruhishijeje bikoreshwa abana.
Akarorero mw’ikambi ya Nyarugusu abana barakoreshwa mu mazu y’amayororero kugira bashobore kuronka ingene bibeshaho, benshi bahavuye bashima guheba ivyigwa kubera gukena ibikoresho vy’’ishure nk’ibitabu ndetse n’ubukene bw’’abarimu budasigaye inyuma
Impunzi z’abanyarwanda zozo ziremerewe gukora ibikorwa bitandukanye zikanashigikirwa muvy amategeko.
HCR imenyesha ko amatongo y’’indimiro adatunganijwe neza atorohereza ukwitezimbere muvy ubutunzi kw’’impunzi. Gutunganya ibikorwa vy’ukudandaza hagati y impunzi ziba muma kambi n’abantu bo hanze y amakambi nanvyo bifise inzitizi,
Naho bimeze gutyo Uganda yarashizeho ingingo zingene impunzi zoshigikirwa mubikorwa vy ukwitezimbere, abenshi muribo baremerew kuronswa amatongo bakoreramwo ndetse n’ukurondera ubuzi.Ubushikiranganje bw’indero bwarashizeho umugambi w’ugushigikira uburere burimwo amashure yakiriye urugero runini rw’abanyeshure kubera kwakira impunzi.
Muri RDC, igice kinini c’’impunzi gitumbereye muri Kivu y’epfo. Kimwe muvyakozwe kugira bafashe impunzi kwabaye gufasha kuzana icuka ciza hagati y impunzi hamwe n’abasangwa baba hirya no hino yaho hacumbikiwe impunzi biciye mumigambi yacaguwe kandi ibereye,
Naho biruko ikiza c’’indwara ya Ebola kirabangamiye bimwe bikomeye impunzi ziri mumakambi.
Ubwo bw’igoro bwose buri mu ntumbero y’ugufashanya bifatiye kubiba bikenew muburyo n ubuhinga.
Hari amashirahamwe akora imigambi y ugufashanya ashika 35 abandanya afasha ibihugu bine(4) vyakiriye izo mpunzi mbere n’abarundi baba bafashe ingingo y’ugutaha mugihugu iwabo.
Igisata ca Onu kijejejwe agateka kazina muntu, kimenyeshako iyo migambi igira intambamyi y uburyo budakwiye UNHCR yaronse ibice 33% ku ma millioni 391 z’ama dollars y’abanyamerika ryari rikeneye gukoresha umwaka wa 2018, Nayo mumwaka 2019, abafasha impunzi z’abarundi mukarere basavye abagira neza imilioni 296 z’ama dollari y abanyamerika yofasha mugusununura ubuzima bw’impunzi hamwe n’ugutezimbere uburyo basabamwo ubuhungiro babicishije mugushiraho uburyo bwo gukingira impunzi n ukububahiriza umutekano, abifuza nabo gutaha bakworoherezwa nk’’uko amategeko abitegekanya.
Umukuru w’igihugu Petero nkurunziza akaba aherutse guhimiriza impunzi n’abariko barondera ubuhungira ko botaha, akabemerera ko umutekano wabo uzokubahirizwa mu Burundi. Ariko ivyo ntivyashoboye kunyura abo barundi b impunzi kuko bamenyesha ko abangana 200.000 nabo bahungiye hagati mugihugu. HCR ntishigikiye akigoro ka peresida Magufuli ko kuvuga ko impunzi zemeye gutaha kugushaka kwazo , kuko ngo ivyo biratey amakenga bafatiye kuguhohotera agateka ka zina muntu bivugwa mu Burundi.
Uganda nayonyene irahimiriza impunzi gutaha iwabo
UNHCR, igisata ca ONU kijejwe ibibazo vy’’impunzi, kimenyesha ko ubuzima bw’impunzi muma kambi atandukanye bwifashe nabi cane bivuye kubukene bw’ibifungurwa n’amazi.