Mu gihe arongoye Reta yagirizwa ubwicanyi ndengerabutungane n’ubwicanyi bw’agahomeramunwa, CPI ikaba iriko iyigirako amatohoza, Petero Nkurunziza yasubiye gushira ahabona idosiye y’igandagurwa rya Perezida Merekiyoro Ndadaye yagandaguwe mu 1993, asohora n’imitahe y’agasakisaki kubategetsi batandukanye. Kubwa Rehonidasi Hatungimana yasangiye urugamba rw’umuheto na Petero Nkurunziza mbere anamubera umuvugizi igihe kirekire, kuvyura idosiye ya Ndandaye ni umukenyuro wateguwe neza kugira harungikirwe imitahe ibihangangange n’abahoze ari indongozi z’igihugu batandukanye mu ntumbero yo gusamaza amakungu no kuraba ko bomutezurira kuvyo bamwagiriza.
Inkuru ya Gilbert Niyonkuru
Si agaseseshwa rumuri, Rehonidasi Hatungimana ni umwe mu bazi cane Petero Nkurunziza, kandi barasangiye urugamba rw’umuheto. Barikumwe mu murwi w’abarwanyi ba FDD itarahinduka umugambwe CNDD-FDD. Mu 2005, CNDD-FDD yemerewe gukora nk’umugambwe yahavuye itsinda amatora, ica ishira imbere Petero Nkurunziza yahoze ari umwigisha w’icigwa c’ikarashishi ngo ayiserukire mu kubanza c’umukuru w’igihugu. Hatungimana yari mu begereye Nkurunziza, akanaba mu bihangange vyaciye mw’ishamba imbere yuko bigirwa abategetsi. Yahavuye aba umuvugizi w’umukuru w’igihugu ari kw’ipete rya Major.
Hagati muri mu kwezi kwa Ndamukiza mu 2015, imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca 3 ca Perezida Nkurunziza yahamagajwe n’amashirahamwe yigenga cokimwe n’imigambwe igwanya ubutegetsi yaratanguye. Igiporisi caciye gikoresha inguvu zirengeje mu kurwanya iyo myiyerekano. Mu mugambwe CNDD-FDD hahavuye havuka umugwi uwiyonkorako. Ihirikwa ry’ubutegetsi ryarimwo bamwe mu bihanagange muri CNDD-FDD ryanigiwe mu menshi. Hahavuye haduka uruhigi kubahoze ari abarwanyi n’abanywanyi ba CNDD-FDD. Léonidas Hatungimana cokimwe n’ibindi bihangange muri CNDD-FDD bagwanije ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza gihonyanga amategeko bahavuye bata utwabo baromoka.
Kubijanye na dosiye ya Ndadaye, uwo yahoze ari umuvugizi wa Nkurunziza avuga ko atacamutangaje n’iyugururwa ry’urubanza rw’igandagurwa rya Melchior Ndadaye. “Nkurunziza yavyuye iyo dosiye kubera umukenyuro n’ibiharuro vya politike.” Izo nizo nsiguro atanga imbere ko yibutsa ko “ Amasezerano yateweko igikumu i Arusha ahagarikiwe na Nelson Mandela yategekanya ko Inama nkuru y’umutekano ya ONU ishiraho umugwi mpuzamakungu w’ubutungane ushinzwe gukora amatohoza kw’ihonyabwoko, ubwicanyi bwabaye mu ntambara n’andi mabi vyakozwe mu Burundi kuva mu 1962, ni ukuvuga kuva uburundi bwikukira gushika amasezerano ya Arusha ateweko igikumu mu 2000”
Kubw’abakurikirnye ivyayo masezerano, uwo mugwi udasanzwe wategerezwa gukora amatohoza kuri ico kiringo no gutanga icegeranyo muri ONU. ONU imaze kwemeza ko habaye ihonyabwoko mu Burundi, Leta y’Uburundi yari guca ifata ingingo yo gusaba Inama nkuru y’umutekano ya ONU gushing sentare idasanzwe ijejwe guhana no gucira imanza abagirijwe amabi.
Ivyo vyose ntanakimwe cakozwe. Uwo yahoze ari Major uno musi yahungiye i bulaya yibutsa kandi ko hategerezwa no gushirwaho umugwi (CVR) ujejwe kurondera ukuri no kunywanisha abarundi wategerezwa gukora amatohoza no gushira ahabona ivyabaye muri kahise k’igihugu no kunywanisa abarundi. “Hari hategekanijwe nuko inamanshingamateka itora itegeko ry’ubudahangarwa ku bategetsi…” Abonako Petero Nkurunziza yazukuruye idosiye ya Ndadaye kunvo za politike. Twubukanije gato, inyuma y’igandagurwa rya Melhior Ndadaye n’abandi batari bake mu bihangange bari bamwegereye, havutse imigwi ibiri kandi yose itungwa urutoke mu mabi. Umurwi wambere ugizwe n’ibihangange mu nzego z’umutekano na cane cane mugisirikare cagirizwa ko cari ciziziwe n’ubwoko bumwe bw’abatutsi hamwe n’akagwi mu rwaruka rw’abatutsi ico gihe biyita aba “sans échecs”.
Umurwi wa kabiri ugizwe n’abahutu bo atakindi bagona Atari ukwihora abatutsi na cane cane hatati mu gihugu ahatikiye inganda. Kubwa Hatungimana, “Nkurunziza agomba gutanga gasopo kuri uwo wese yibaza ko yomubera intambamyi yo gusubira kwitoza mu 2020. Abazorwanya uwo mugambi bose bazokwibonerako bacirigwe urubanza hihetswe inyuma y’urupfu rwa Ndadaye rwasubiye kugururwa kubera uwo mukenyuro.”
Imvo nyamukuru ya Nkurunziza…
Kubwa Hatungimana, ni umukenyuro wiyumviriwe neza ugamije kandi gusamaza. “Ashaka ko ivyo ubwicanyi buriko burakorwa co kimwe n’ikibazo cokuko ariko atwara bidakurikije amategeko vyibagirwa. Ntimwibagirwe ko Nkurunziza atungwa agatoke mu cegeranyo c’abahinga ba ONU bakoze amatohoza k’Uburundi, na cane cane k’uruhara afise mu bwicanyi bagahomeramunwa bwakozwe mu Burundi kuva mu 2015.”
Aha aragerageza gusobanura iciyunviro ciwe : kuba Nkurunziza arondera kwagiriza ibihangange bizwi ku rwego mpuzamakungu nka Petero Buyoya(Yahoze ayoboye Uburundi ubu akaba ari mubantu bubashwe ku rwego mpuzamakungu no mw’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika) si ukubera ubusa. “Ni umukenyuro ugamije kandi gukurikirana abahutu bagiye bakora ubwicanyi bwakurikiye igandagurwa rya Ndadaye muri gitugutu 1993.”
Raba namwe, abacishije mu murwi ujejwe ukuri no kunywanisha abarundi (CVR) asa n’uwawigaruriye aka uno musi ariko awusaba gusubira inyuma muri kahise no kugaragaza “uruhara rubi” rwagizwe na bimwe mu bihugu mpuzamakungu mu bwicanyi bwabaye mu Burundi. Ivyo birafise ico bigamije. Kubwa Léonidas Hatungimana, umugambi wa Nkurunziza ni ukugerageza kugwiza ibitigiri vy’ibihangange yagiriza amabi no kurondera ko abariko batera igitsure batezuririra bagaca bitwararika ivyivyo bishasha azanye. “Yizeye ko dosiye iri muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha izoca iba irambangiriwe.
Ku kibazo c’imitahe mpuzamakungu yasohowe na Reta ya Nkurunziza muri dosiye Ndadaye Hatungimana yishura ati : “Nsomye itangazo ry’ishirahamwe ry’ubumwe bwa burya, nibaza ko ryatahuye ko Petero Nkurunziza ariko akoresha iyo dossier kunyungu zindi. Ni ikimenyetso ko iyo mitahe itazohabwa agaciro ku rwego mpuzamakungu na cane cane kubihugu bigize ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika.” Ariko aha ararwa akagaruka : “Ubumwe bwa Afrika nta bubasha bunini bufise k’ubucuti ibihugu vyose bifitaniye na Nkurunziza muri uwo muryango.”
Aho ari mu buhungiro, uyo yasangiye urugamba rw’umuheto na Petero Nkurunziza gushika naho acikira ukuboko ku rubuga rw’intambara arifuza ko ubutungane bukora kandi intahe igakubita mu gahanga abagize uruhara bose mw’igandagurwa rya Ndadaye. Léonidas yipfuza ko haba ubutungane kuri bose ariko badakora kuri bamwe gusa. “Uno musi hariko hakorwa ubwicanyi, ivyemezo birahari, biragaragara ariko ababukora ntibahanwa”. Mwokwibuka ko Reta y’Uburundi iriko ikurikiranwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI.
Rehonidasi Hatungimana ni nde? Yamaze iki?
Rehonidasi Hatungimana yavukiye mu ntara ya Cankuzo mu 1971. Ahejeje amashure yisumbuye kuri seminari ntoya y’i Mugera, yabandanirije amashure muri kaminuza ariko haca haduka indyane mu 1993. Yaciye ahunga aheza yinjira mu murwi w’abarwanyi ba FDD. Yaraduze gushika kw’ipete rya « Commandant » yahavuye yemera gutakaza aja kuba umuvugizi wa Petero Nkurunziza inyuma yaho umugambwe CNDD-FDD ugiriye ku butegetsi.
Inyuma yaho hatangiwe ikigorwe c’ikivuga kubahoze ari abarwanyi ba CNDD-FDD hisunzwe amasezerano yo guhagarika intambara yo mu 2003, yahavuye ashirwa mu buzima busanzwe ari kw’ipeta rya Major aca yinjira muri politique. Yabanje kuba uwuserukira intara yiwe mu mugambwe CNDD-FDD hanyuma atorwa mu bashingamateka muri iyo ntara mu 2005, imbere yuko agenwa kuba umuvugizi w’umukuru w’igihugu gushika mu 2015. Ayo mabanga yayafatanije no kwiga kaminuza mu vyirwa vyo kumugoroba kuri Université du Lac Tanganyika aho yahavuye atahukana urupapuro rw’umutsindo muri « sociologie ».
Kubera ari mubarwanije ikiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza, ubutegetsi bwaramuhize ahitamwo kuyanyaga. Uno musi arongoye umugambwe PPD-Girijambo uhurikeyemwo ahanini abiyonkoye ku mugambwe CNDD-FDD.