Kugira hakingwe igitero coshobora kuzanana mu gihugu kibanyi ca Congo, kure y’imigwi yafashe ibirwanisho, Gitega iri hagati mu gihugu ibaye umugwa mukuru ujanye n’ivy’intwaro. Umukuru w’igihugu Nkurunziza Petero yari yaravyemeye haciye imyaka irenga cumi.
Vyanditswe na Eugène Niyoyankunze
Kuva hageragrejwe ugusenyura ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza kuwa 13 Rusama umwaka wa 2015, umukuru w’igihugu c’Uburundi ntarigera asubira kugendera ibindi bihugu ariko kandi umwanya amara mu gisagara ca Bujumbura uri ku rushi. N’ubwoba canke n’ugushaka kubana n’abanyagihugu bo mu gihugu hagati ? Nta numwe muri kino kiringo yoshobora kwishura kuri ico kibazo. Ikiboneka co, nuko igisagara ca Bujumbura kitamunezera. Ico gisagara gifatwa uno munsi nk’ahantu hagwiriye abarwanya ubutegetsi bwiwe. Kubw’ivyo, umukuru w’igihugu ahamara umwanya muto akanahitwararika bukebuke.
Kuva ashikiriye ubutegetsi, Petero Nkurunziza yariyubakiye ikirimba ku musozi asanzwe avukamwo, i Buye muri komine Mwumba, intara ya Ngozi. Abipfuza kugendera umukuru w’igihugu w’umuvugabutumwa akongera akaba n’umukinyi w’umupira w’amaguru, asanzwe akunzwe n’abanyagihugu batobato, ni ngombwa ngo bace mu ntara ya Ngozi, igisagara kiguma gikura ukwo bukeye ukwo bwije, ku buryo inyubakwa zaho zisigaye zisa n’iziri ku mugwa mukuru i Bujumbura, ku nkengera y’ikiyaga Tanganyika.
Tuvuge Gitega, umugwa mukuru mushasha w’ivyerekeye intwaro w’Uburundi. Tutiriwe turaja muri kahise k’intwaro y’abakoroni, aho ico gisagara ca Gitega cashinzwe, kiraba ikiringo atari gito umugwa mukuru w’intwaro ya cami, kikaba kizwi na cane cane kubera umurisho w’ingoma. Mbega n’ibisanzwe ko Gitega iba umugwa mukuru, ahafatirwa ingingo zerekeye ivy’intwaro ? Kazoza kazobitubwira.
« Inama nshikiranganji zigiye kuza zirabera i Gitega, aho ubushikiranganji butanu bugiye kwimukira kuva mu ntango z’umwaka wa 2019», ibi nivyo umuvugizi w’umukuru w’igihugu yanditse ku mbugu ngurukanabumenyi, aca agirako anavuga ko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati, ubw’indero n’ubw’uburimyi buri mu buzoca buja gukorera i Gitega.
Umukuru w’igihugu Petero nkurunziza yari yaremeye mu mwaka w’i 2007 ko azoshira umugwa mukuru i Gitega, aho yatanze insiguro yuko Gitega iri hagati mu gihugu, aho ni mu gihe Gitega isanzwe ifise abanyagihugu bangana 300.000 ugereranije n’abangana imiliyoni 12 baba mu Burundi.
Mu gihe Gitega yahoze ari umurwa mukuru w’intwaro ya cami, nubwo umukuru w’igihugu Nkurunziza Petero asigura uwo mugambi kukuntu Gitega iri hagati y’igihugu, abo bitavuga rumwe bo babona ko ari intango yo gushaka gusubizaho intwaro ya cami.
Kugeza aho, nta ngorane yarimwo, uretse ko inyubako nshasha y’ikirimba c’umukuru w’igihugu yatwaye imiliyoni 20 z’amafranga y’amadorari y’amanyamerika, ubushimwa buherutse kwubaka i Bujumbura mu Gasenyi inyuma yaho abahora bahaba basabwe gukinjura eka mbere bakanabomorerwa.
(http://www.iwacu-burundi.org/gasenyi-i-ils-regardent-leurs-maisons-se-faire-detruire-pour-un-palais/ ).
Ukujana umugwa mukuru i Gitega, vyihutishijwe
Abarundi batari bake barakenguruka umugambi wo kujana umugwa mukuru w’ivy’intwaro i Gitega. Ariko rero, ukwabaka ikirimba mu gisagara ca Bujumbura, hamwe n’ingorane nyinshi zugarijwe igisagara ca Gitega, ivyo ni bimwe mu bituma aba n’abandi bibaza ko ata nteguro yo gushira mu ngiro uwo mugambi iriho.
Igisigaye uno munsi kugira Gitega yitwe umugwa mukuru w’ivy’intwaro n’uko umukuru w’igihugu ashirako umukono. Inyuma yaho inama nshingamateka yemereje integuro yitegeko ishinga umugwa mukuru w’ivy’intwaro n’umugwa mukuru w’ubutunzi, kuwa 16 Nzero, inama nshingamateka nayo yaciye yemeza iryo tegeko bukeye bwaho.
Imbere y’abashingamateka mu ngoro y’amakoraniro mu kigobe, umushikiranganji w’intwaro yo hagati, Pascal Barandagiye, yamenyesheje ko ukwimurira umugwa mukuru i Gitega bizoja mu ngiro bukebuke : « isanamu y’umugwa mukuru ujejwe ivy’intwaro ntituza kuyironka inyuma yo gutora iyi nteguro y’itegeko». Kubw’iwe, ngo ugushira bwegu umugwa mukuru i Gitega bizofata imyaka itatu : « Niko tubibona muri Reta ».
Yashikirije ivyo inyuma yaho abaserukira abanyagihugu bahurije kukuntu Gitega itaritunganya neza mu ntumbero yuko yokwakira ubuzi bwose buzoca bwimukirayo. Umukuru w’inama nshingamateka yarasavye ko hatoba ugucishwa ku biti no ku mabuye ngo kubera yuko biboneka ko imyiteguro itarahera.
Inama nshingamateka yo iriko irimuka kuva kuwa 18 Nzero ku buryo kuwa mbere Ruhuhuma ibisata vyose bigize inama nkenguzamateka bizoba vyimuwe. Izokorera mu nyubakwa zine. Amakoraniro azobera mu nzu ya komine Gitega, uwutwara inama nkenguzamateka n’ivyegera vyiwe bazokorera mu nyubakwa yahoze ari iy’urwego rw’igihugu rujejwe gukingira ibidukikije. Abakenguzamateka nabo bakazoheza bahabwe aho bakorera mu nzu zibiri muri zitandatu ziri ku mugwa mukuru w’intara zahora zikorerwamwo n’ibisata bitandukanye mu ntara.
Uko ari zitandatun zari zubatswe kuri prezida Bagaza mu ntumbero yuko Gitega yohinduka ikaba umugwa mukuru w’i Gihugu. Athanase Karayenga yahoze ari umuhanuzi wa prezida Bagaza ajejwe ukumenyesha amakuru avuga ko habuze gato kugira umukuru w’igihugu Bagaza ahindure umugwa mukuru, awushire i Gitega. Ngo hari kubw’impamvu z’umutekano, ngo kuko icotera Bujumbura kivuye mu gihugu kibanyi ca Congo, eka no mu kiyaya ca Rusizi, vyokworoha. Aravuga kandi ko harimwo n’ugushaka kwegereza intwaro abanyagihugu bo mu ntara hagati.
Harabuze inyubako
Mw’ijambo yashikirije abarundi abipfuriza umwaka mushasha, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaramenyesheje ko ibisata bimwi bimwe bigiye kwimurirwa kuva mu mwaka wi 2019 mu ntara ya Gitega.
Harimwo ubushikiranganji butanu, harimwo ubw’intwaro yo hagati mu gihugu, ubw’indero, ubwo kwegereza abanyagihugu intwaro, ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi. Iruhande y’ubushikiranganji, ngo n’imigwi imwe imwe nk’uwujejwe gutunganya amatora, uwujejwe ukurondera ukuri n’ukunywanisha abarundi, uwujejwe agateka ka zina muntu, nayo nyene igiye kwimurirwa i Gitega no mu zindi ntara.
Elysé Ndayihaya, umusore yaminuje mu vyerekeye amategeko, asanzwe aba mu gisagara ca Bujumbura, arashima umugambi wo kwimurira umugwa mukuru i Gitega : «Ni hagati na hagati mu gihugu, haroroshe gushika bivanye naho umuntu yoba ari mu ntara iyariyo yose ». Ikindi nuko Gitega hadashushe nkuko bisanzwe biri mu gisagara ca Bujumbura.
Ariko rero, iyo ngingo kubw’iwe iratera ibibazo. Yibutsa ko Reta ifashe ingingo yo kwimura umugwa mukuru mu gihe hahejejwe kwubakwa ikirimba c’umukuru w’igihugu co mu Gasenyi i Bujumbura.
Kubw’uwo musore, ngo ni kuberiki Reta yarinze irirukana abari babaye mu Gasenyi kugira yubake ikirimba umukuru w’igihugu atazobamwo. Yibutsa ko imiryango y’abakuru isanzwe ica iba ku mugwa mukuru.
Umugambi w’igisagara ca Bujumbura gushika mu 2045 ?
Reta yarashizeho umugambi wo gutunganya mu buryo bwa kijambere igisagara ca Bujumbura gushika mu mwaka w’i 2045. Uyo mugambi utegekanya ukwagurira ico gisagara mu ntara za Bujumbura na Bubanza.
Igihe haba ibikorwa vyo gutanguza uwo mugambi, wateguwe hisunzwe ukugene igisagara ca Singapour cubatswe, muri Munyonyo mu mwaka w’i 2017, Umukuru w’igihugu Nkurunziza Petero yamenyesheje ko igisagara ca Bujumbura kizoba kigizwe n’ibice bitatu. Muri ivyo, hazoba harimwo igice cahariwe intwaro naco kikaba kizoba giherereye ahari uno munsi igisagara ca Bujumbura.
Igisagara ca Gitega gihanzwe n’ingorane nyinshi cane, harimwo izijanye n’ibura ry’inyubako rusangi, ikibuga c’indege, amashuri, amazu y’amanama, amazu y’ingenzi, eka ndetse n’ayo kubamwo, icikagurika ry’amazi, n’izindi nyinshi.
Ukwimura umugwa mukuru birasaba ukwimura ibuzi bumwe bumwe, ivyo navyo bigasigura ko n’abakozi basanzwe bafise imiryango yabo mu gisagara ca Bujumbura bazoca basa n’abatubatse bitumwe n’ugutandukana n’imiryango yabo.
Yohani (izina ryahinduwe), akora mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, amenyesha ko bamwe mu bakozi bazotegerezwa gukotesha inzu zibiri mu gihe ubushikiranganji bwabo bwokwimuka.
Inzu imwe izoba iri iyo umuryango usanzwe ubamwo mu gisagara ca Bujumbura, mu gihe iyindi azoba ari iyo abamwo I Gitega kubera imvo z’akazi. Abandi bakozi nabo, iruhande yo kwishura amadeni bafashe mu kwubaka inzu babamwo mu gisagara ca Bujumbura, bazoba bafise uwundi mutwaro wo gukotesha inzu.
Reta itegekanya ko inama zose nshikiranganji zoza zirabera mu gisagara ca Gitega. Ngo n’umukuru w’igihugu azotorwa mu mwaka w’i 2020, Umukuru w’igihugu yarabishimangiye mu jambo yashikirijwe yipfuriza abarundi umwaka mwiza, azokwimikirwa I Gitega abanyagihugu bakoranye.