Abahoze mu nzego z’u Burundi zijejwe igendereza barashize ku mugaragaro amabi afatiye k’uguhungabanya agateka kazina muntu yakozwe n’inzego z’umutekano zakorereye. Izo nzego zagirizwa kuba zarategura ibibanza vyo kuboreza igufa no gupfungira mu buryo butemewe n’amategeko abatavuga rumwe na Reta, mu ntumbero yo kubacecekesha.
Hakoreshejwe ubuhinga bwa none, igisata BBC Africa Eye gikukira ikinyamakuru BBC, carashize ahabona ireresi n’amasanamu yerekana inzu yigeze gushirwa ku mbunga hwaniro mu mwaka w’2016, yoba yarabereyemwo ibikorwa vyo gutosekaza agateka ka zina muntu. Iyo reresi yashizwe ku mbuga hwaniro muri uwo mwaka, yerakana amazi yasa n’amaraso yatemba ava muri iyo nzu yavugwa ko iberamwo ibikorwa vyo gutosekaza agateka ka kiremwa muntu.
None itoteza ry’abatavuga rumwe na Reta y’uBurundi ryoba ryaraheze ? Reta y’uBurundi yamye na ntaryo ihakana abayagiriza gutosekaza agateka ka zina kiremwa muntu, ntiyashatse kugira ico ishikirije kuri iyi raporo.