Abarundi bateshejwe izabo bo muri site ya Ruhororo mu ntara ya Ngozi m’uburaruko bw’igihugu barahagaritswe umutima n’amajambo yiterabwoba avugwa n’abajejwe intwaro hamwe n’abarongoye umugambwe CNDD-FDD mu’riyo ntara bariko babagiriza gukorana n’imirwi’ y’abarwanyi iza iva mu Rwanda.
Yatohojwe na Monia Arakaza
Nkukw’isoko ryacu ribitumenyesha ngo abo bajejwe intwaro bagiriza izo mpunzi zo mu’riyo site ko abarwanyi bari mu gihugu kibanyi cu Rwanda baronderera bakongera bagakura abarwanyi mur’iyo site. Bakagirizwa kandi ko iyo site y’impunzi yabaye ubuhungiro bwabo bagizi ba nabi.
Umwe murabo bateshwe izabo avuga ati : « Imisi yose tubwirwa amajambo yitera bwoba. Batwagiriza ko dukorana n’abarwanyi bari mu gihugu cu Rwanda. Bamwe m’urwaruka bama bafashwe bagirizwa kuba abarwanyi».
Akamenyesha ko abo bajejwe intwaro bababwiye ko iyo site yabo atagituma iriho ngo ikwiye gukurwaho hama abo bateshejwe izabo nabo bagatahuka mugihugu cabo c’uburundi kuko ngo amahoro yarabonetse.
Ariko izo mpuzi zo ntizivyumva uko. Kuribo ngo urwo n’urwenge canke urwitwazo kugira babomore bave mu’riyo site aho bahungiye. « Twibaza ko bashaka gusa kutwirukana ngo dutahe I burundi kuko ivyo bindi n’ububeshi».
Izo mpunzi zirongera zigahakana ivyo zagirizwa. Kuribo ngo ntibifise ifatiro. «Ivyagiriji vyabo barongoye intwaro ntibigira aho bishingiye. kuko nabo nyene uwobabaza amazina yabo bazi mur’ino site bemeza ko ar’abarwanyi ntayo boshobora kuronka».
Abo barundi bahungiye muri site ya Ruhororo bongerako batekewe ubwoba nivyo bagirizwa. « Dufis’ubwoba bwinshi kuko tumaze kumva ubutegetsi hamwe n’abarongoye umugambwe bagiriza umunyagihugu muto ibintu bishobora kumutwara agatwe».
Abobarundi bateshejwe izabo babandanya bamenyesha ko Imbonerakure (urwaruka rwo m’umugambwe uri k’ubutegetsi CNDD-FDD) birirwa barakizura mur’iyo site yabo. «Aho bagenda baratubwira amajambo yitera bwoba».
Ngo ntacotuma babika abarwanyi kandi nabo baje bahunga ingwano. «Twebwe tur’abanyagihugu nk’abandi twaje duhunze ingwano yo mu gihumbi kimwe n’amajana icenda na mirongo icenda na gatatu (1993) ntayindi dukeneye kubona. nibaduhe amahoro tubeho».
«Ntidushobora gutahuka»
Nkuko isoko ryacu ribandanya ribitumenyesha ngo bamwe mur’iyo site baramaze guta baromoka. Abandi nabo ngo barara ntibuca kubera ubwoba. Abasigaye bo bararahira bakarengwa ko batarota bava muri site kuko batagira iyo baja. Umushingantahe aba muriyo site avuga ngo: «mu rwimo rwo muri 1993 nabuze abavyeyi na benewacu bose kandi nababishe ndabazi ntaho bagiye. Ntidushobora gutahuka ngo dusubire iwacu iruhande yabo kandi bataracirirwa urubanza. Nzopfuma mpfiraha »
Bagasaba ko bobatunganiriza nabo bakabaho borohewe. «Turasavye ko ababijejwe bohagurukira iki kibazo cacu amazi atararenga inkombe kuko ubintu bibandanya vyunyuka».
Kuribo ngo bafise amakenga menshi kuko abajejwe intwaro bababwira ko amahoro yabonetse kandi kubwabo abo bateshejwe izabo bavuga ko baguma bumva ibivurwa mugihugu bigaragaza ko at’amahoro ashemeye araboneka. « nivyinshi bitwereka ko amahoro ataraboneka neza mugihugu. Kandi guhunguka biva kugushaka k’umuntu wese. Ntibashobora kudutahisha kw’unguvu».
Basaba ko ubutegetsi bwo bagarukira bakamenya ko nabo naho ar’impunzi bafise uburenganzira nkubw’abandi banyagihugu kandi ko bakwiye kwubaka igihugu bafatanye munda. Twagerageje kurondera buramatari wiyo ntara ariko turamukena.
Tukabamenyesha yuko iyo site ya Ruhororo iri kw’ibarabara rikuru bita route nationale no 15 (Ngozi-Gitega) ku metero 21 imbere yuko ushika k’umurwa mukuru w’intara ya Ngozi. Kuva muri 1993, iyo site irimwo impunzi z’abarundi zahunze ubwicanyi bwabereye mumitumba yabo inyuma yigandagurwa ry’uwahoze ari umukuru w’Igihugu Melchior Ndadaye.
Ishushanyo:
Abo muri site ya Ruhororo Batwagiriza ko dukorana n’abarwanyi bari mu gihugu cu Rwanda
Bishasha