Ukwezi kuraheze Reta y’Urwanda itanguye guha impapuro z’inzira impunzi zahungiye muri ico gihugu cane cane Abarundi. Mu zimase gutangwa zirenga 1000, ibice birenga 80% vy’azo zahawe impunzi za barundi. Bemezako ari nk’urufunguruzo rw’ubuzima kuko zahawe amahirwe yo gusubira gukora ibikorwa bitandukanye hanze y’igihugu cane cane urundandazwa hamwe n’ubundi buzi. Yamara, ibihugu nka Kenya na Tanzaniya birasaba amafaranga ya visa angana n’amadolari 50 k’uwukoresha ico cangombwa.
Vyatohojwe na P-C.N.
Igenekerezo rya 10 z’ukwezi kwa gitugutu 2018 niho igisata kijewe abinjira n’abasohoka mu Rwanda catangura gutanga impapuro z’inzira zikozwe ku buryo bwa none “passeports biométriques”. Abarondera izo mpapuro ahanini ni impunzi za barundi.
Buri mpunzi iri ku butaka bw’Urwanda iremerewe guhabwa urwo rupapuro rw’inzira. Uwururondera yerekana ivyangombwa bigaragarazako ari impunzi yemewe n’ishirahamwe mpuzamakungu HCR, igipapuro gitangwa n’umukuru wa segiteri impunzi ibamwo ku baba mu gisagara ca Kigali canke rugatangwa n’uwutwara ikampi ku baba mu makambi y’impunzi hamwe n’ifoto imwe.
Ku mwana ari munsi y’imyaka 16, wewe asabwa kujana n’abavyeyi biwe, yitwaje ifoto hamwe n’ibiranga abavyeyi biwe ko ari impunzi koko.
Inyuma y’ukwezi iyi Pasiporo itangiye gutangwa, igisata kijijwe abinjira n’abasohoka kivugako kimaze gutanga izirenga 1000. Ibice birenga 80 % vy’azo zahawe impunzi z’Abarundi.
Abamaze kuzihabwa barashima
Inesi Irakoze, umwigeme w’imyaka 25 ni umwe muri bo. Agira ati:“Jewe ubwanje nsanzwe nkora akazi ko kudandaza. Iyo nshaka kuja kurangura ibidandazwa vyanje muri Tanzaniya, mu Buganda, muri Kenya canke Dubai vyangora cane. Urumva ico izomfasha cane ni kuja kurangura bitangoye”.
Uwo co kimwe n’abandi, bavugako mu buzima bari bameze nk’aho bugaraniwe mu Rwanda gusa. Hari n’abari bamaze kubura amahirwe menshi y’akazi kubera kutagira urupapuro rw’inzira.
Franck Kaze, n’umumenyeshamakuru w’umurundi yahungiwe mu Rwanda. Avuga ko yari amaze kuronka akazi mu bihugu birenga 3 harimwo Gabon ariko akabura ingene ashikayo kubera pasiporo yiwe y’Uburundi yari yataye igihe.
Ico kibazo yari yarafise agisangiye n’abandi batari bake baba abamenyeshamakuru, abari mu mashirahamwe yigenga, abashingwamanza, abigisha muri za Kaminuza n’abandi.
Bemezako kenshi amahirwe yahora abaca mu myanya y’intoke. Yamara ubu, barashima ico gikorwa co guhabwa impapuro z’inzira zikozwe mu buhinga bwa none.
N’umushikiranaganji ajejwe impunzi mu Rwanda abona ko iyo pasiporo ari urufunguruzo rw’ubuzima ku mpunzi.
Umufasoni Jeanne d’Arc Debonheur, avuga ati: “Ni muri gahunda y’igihugu y’iterambere ry’Abanyarwanda bose hamwe n’Abaturarwanda. Iyo Paseporo izobafasha rero gukora mwiteza imbere, muja hirya no hino mutaguma mu gihugu mwahungiyemwo gusa ahubwo muja no hanze y’Urwanda, mwaba mugiye gusuma, kudandaza, gutembera muramutsa incuti mwatandukanye n’ibindi, kandi turizera ko bizobafasha cane mu buzima bwanyu”.
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kw’isi HCR rivuga ko ari intambwe ihambaye; iryo shirahamwe rifatanije n’Urwanda ngo bashitse ku ntambwe ishimisha kuko kare impunzi zahora zigira ingorane iyo zishaka kuja hanze y’Urwanda zaba zigiye kwiga, gutembera, kwivuza n’ibindi.
Hari hasanzwe hari urundi rupapuro ariko rudasomwa n’imashine za none. HCR imenyeshako urwo rwatera ingorane nyinshi.
Irindi tandukaniro riri hagati y’urwo rushasha n’urwahahora, n’uko rushasha rutangirwa mu gisata kijejwe abinjira n’abasohoka mu Rwanda, bigafata iminsi 3 gusa kugira uwurwifuza aruronke. Ni mu gihe urwahahora rwasabirwa mu gisata kijejwe impunzi kw’isi HCR, bigasaba inzira ndende yashobora no gutwara amezi 2 impunzi itararuronka. Urwo rwari rufise ikiringo c’imyaka 2 rukagurwa amafaranga ibihumbi 5 y’Urwanda.
Urwo rupapuro rw’inzira rushasha rugurwa amafaranga ibihumbi 10 fr Rwa, rukamara imyaka 5. Yamara, impunzi zivuga ko nayo mafaranga ari menshi kuko bigoye kuyaronka mu gihe ata kazi ufise ukora.
Urwo rupapuro rw’inzira rutanga uburenganzira rwo kuja mu bihugu vyose vyo kw’isi kiretse igihugu impunzi ituruka mwo.
Yamara, ibihugu nka Kenya na Tanzaniya bisaba uwufise urwo rupapuro ko arinda kuriha viza igurwa amadorari 50 y’abanyamerika, ni ayarenga gato ibihumbi 40 vy’amafaranga y’u Rwanda.
Urwanda ni co gihugu ca mbere mu karere ka Afrika y’Ubuseruko ndetse no muri Afrika yose gitanguye gutanga izo mpapuro z’inzira zikozwe mu buhinga bwa none zisomwa n’imashini ku mipaka n’ibibuga vy’indege mpuzamakungu. Ico gihugu cakiriye impunzi zirenga ibihumbi 172, ibice birenga 53% bakaba ari abarundi.