Intahe
Ubukozi bw’iki n’iterabwoba nivyo bisigura umurwi w’inkorabara wegamiye leta, Imbonerakure

Ubukozi bw’iki n’iterabwoba nivyo bisigura umurwi w’inkorabara wegamiye leta, Imbonerakure

May 22, 2019
0
Rehonidasi Hatungimana arerekana umukenyuro wa Nkurunziza wo kurondera kudakurikiranwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha “CPI”

Rehonidasi Hatungimana arerekana umukenyuro wa Nkurunziza wo kurondera kudakurikiranwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha “CPI”

January 9, 2019
0
  • Ishikiro
  • Akamo k’abakorewe amabi
  • Amakuru atosoye
  • Ivyiyumviro n’umwihwezo
  • Ububiko
  • Abo turi bo
  • frFrançais
  • enEnglish
No Result
View All Result
  • Ishikiro
  • Akamo k’abakorewe amabi
  • Amakuru atosoye
  • Ivyiyumviro n’umwihwezo
  • Ububiko
  • Abo turi bo
  • frFrançais
  • enEnglish
No Result
View All Result
Intahe
No Result
View All Result
Home Ihungabana ry'agateka kazina muntu

Abagendana ubumuga ntibagira ayo bacira nayo bamira

Intahe Admin by Intahe Admin
in Ihungabana ry'agateka kazina muntu, Inkuru nyamukuru, Iterabwoba rifatiye kuri poritike
0
Abagendana ubumuga ntibagira ayo bacira nayo bamira

Ateliers_pates_electro_forge_07 - https://www.handicapinternational.be/fr/actualites/handicap-international-ferme-son-programme-au-burundi

Inyuma y’aho ishirahamwe mpuzamakungu Handicap International, rifasha abagendana ubumuga rihagarikiye ibikorwa vyaryo mu Burundi,  abashingamateka barashikirije amakenga bafise ku banyeshure bagenda ubumuga, mu gihe abobanyeshure bahora bafashwa niryo shirahamwe. Umushikirangaji w’indero,n’inyigisho z’imyuga arabahumuriza.

 

RelatedPosts

IFatwa kunguvu ry’abagore n’abigeme riri kumurindi ukomeye  ku mpuzi z’abarundi

IFatwa kunguvu ry’abagore n’abigeme riri kumurindi ukomeye ku mpuzi z’abarundi

June 2, 2019
0
Iturika ry’ama grenades vyimonogoje birahungabanya agahengwe   k’umutekano muke  kari gasanzwe Gateye amakenga

Iturika ry’ama grenades vyimonogoje birahungabanya agahengwe k’umutekano muke kari gasanzwe Gateye amakenga

June 2, 2019
0
Abapfungiwe Politike basabirwa kurekurwa gutyo  n’amabohero yuzuye  akoroherwa.

Abapfungiwe Politike basabirwa kurekurwa gutyo n’amabohero yuzuye akoroherwa.

May 25, 2019
0

Vyatororokanijwe na Eugène Niyoyankunze

Ishirahamwe mpuzamakungu Handicap International ryafasha cane abagendana ubumuga mu Burundi. No munama nshingamateka barafise amakenga, na cane cane inkurikizi mbi zishobora kuba ku banyeshure bagendana ubumuga bahora bafashwa niryo shirahamwe.

Umushikiranganji w’indero n’inyigisho z’imyuga, Yanwariya Ndirahisha amenyesha ko Reta y’u Burundi izoca ikorera mu ngata iryo shirahamwe. «Ikibazo kijanye n’abanyeshure bahora bahabwa imfashanyo n’ishirahamwe mpuzamakungu Handicap International, Reta yaragifashe nka nkama. Iyo mikangara ni abana b’u Burundi, ni abana bacu.Ntidushobora kubaheba kandi ntidushobora gusubira inyuma».

Abahora bafashwa n’ishirahamwe Handicap International bobo ntibakigira ayo bacira n’ayo bamira. Abayobozi b’ibigo vy’abagendana ubumuga bamenyesha ko babuze inkingi ikomeye, umufasha nya mufasha. Bose bamenyesha ko atarindi shirahamwe canke umuntu numwe azoshobora gukora nk’ivyo ishirahamwe Handicap International ryakora.

Umurwi w’amaho mu nama nshingamateka ujejwe ibibazo vy’indero, warashikirije raporo kuri uwu za 16 nzero, kuvyerekeye ico kibazo c’abagendana ubumuga mu mashure. Abagize uwo murwi barerekanye amakenga meshi na cane cane ayajanye na kazoza k’abo banyeshure bagendana ubumuga, bahora bafashwa n’ishirahamwe Handicap International.

Umushikiranganji w’indero n’inyigisho z’imyuga Yanwariya Ndirahisha © droits réservés.

Umushikiranganji Ndirahisha yasavye ahubwo ko abo bashingamateka boterera kugira urwo rwaruka burundi bw’ejo nabo bafashwe bongere bige. Agira ati: «Erega nabo nyene bari mubo muserukira».

Turetse imigambi ya Handicap International mu Burundi, na cane cane umugambi wo kuvura no kuvuza abagenda ubumuga, gufasha kugorora abamugaye ikiringo kingana n’imyaka  5 (2017-2021) mu ntara 5 :Muyinga, Gitega, Makamba, Ngozi et Muramvya, abana 96 bagendana ubumuga bakurikiranwa mu bigo ngororamubiri . Uwo mugambi wo kugorora abamugaye wakoresha abakozi bagera 46 bajejwe kugorora umubiri, n’abashika 18 bafasha abagorowe kwiyunguruza, ndetse n’abandi  20 bakora ubuzi butandukanye.

Umwe mu bayobozi b’ibigo vy’abagendana ubumuga mu gisagara ca Bujumbura, atashatse ko tumuvuga amazina,  afise amakenga ko ikigo ajejwe kizohava cugara, inyuma ry’ihagarika ry’imirimo rya Handicap International. Ikigo arongoye hamwe n’ibindi bigo vyo mu gihugu hagati vyarahabwa imfashanyo n’ishirahamwe Handicap International, igizwe n’ibikoresho hamwe n’amafaranga. Iryo shirahamwe kandi ryarabaha amakinga y’abamugaye, n’ibikoresho vyo gukora amaguru (prothèses) canke amaboko (orthèses) abagendana ubumuga bakoresha. N’ibindi vyishi.

 

Abaronswa imfashanyo bagiye kuba abande ?

Uwo ajejwe ikigo c’abagendana ubumuga afise amakenga meshi ko Reta izohava idashobora gufasha abagendana ubumuga yo nyene. Agira ati : «Ibikoresho dukoresha birazimvye,mu gihe ubushikiranganji bwo gufatana munda no gufasha abatishoboye buhabwa amahera makeyi. Biragoye kwemeza ko hazohava haza uwusubirira ishirahamwe  Handicap International».

Uwitwa Sedirike (izina ryahinduwe), umwe mu bagendana ubumuga wo mu ntara ya Makamba amenyesha ko adahumurizwa n’imvugo y’umushikiranganji Ndirahisha. Agirako yibaza nimba Reta izoshobora gufasha abagendana ubumuga,mu gihe nk’uwukoresha kwa kuguru bita prothèse akugura umuriyoni w’amafaranga ( akabakaba amahera y’abanyaburaya 340). Sedirike emenyesha ko prothèse bayihindura inyuma y’imyaka ibiri.

 

Tubibutse ko ihagarikwa ry’ibikorwa n’imigambi y’amashirahamwe mpuzamakungu ryabaye muri nyakanya 2018, n’urwego rw’igihugu rujejwe umutekano.  Reta yari yasavye ko ishirahamwe ryose risubira kwiyandikisha bushasha ribanje gutanga ivyete 4. Kimwe cemeza ko iryo shirahamwe rigiye kwubahiriza umugambi w’ibwirizwa nshingiro mu kuvanga ubwoko mu bakozi,   Icete cemeza amasezerano ya reta n’ishirahamwe, icete cemeza uruhusha rwatwanzwe na reta hamwe n’icete cemeza ingene amahera y’ayo ma shirahamwe akoreshwa.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona ku wa 7 nzero, ishirahamwe mpuzamakungu Handicap International ryarashikirije amakenya yaryo: « Kuzana ivy’amoko mu bakozi bacu, no gutanga amakuru kubijanye n’ubwoko bw’abakozi bacu ni umurongo utukura ridashobora kurenga». Ivyo bikaba bidahuye n’akarangamutima k’iryo shirahamwe risanzwe rishira imbere ubuntu, rikiyamiriza ka mwanawamama n’ubungunge.

Ishirahamwe Handicap International ryari rimaze imyaka 26 ans mu Burundi. Ryafasha cane mu bijanye n’amagara y’ibibondo, kugorora, kw’igisha abagendana ubumuga no gufata mu mugongo amashirahamwe akora mu bijanye no gufasha abagenda ubumuga.

ShareTweetShare
Previous Post

“Reta y’u Burundi ishaka gutera intambara mu karere k’ibiyaga binini kose”

Next Post

Amashirahamwe yigenda yahagaritswe azomenya urwaciwe muminsi mirongo itandatu(60).

Next Post
Amashirahamwe yigenda yahagaritswe azomenya  urwaciwe muminsi  mirongo itandatu(60).

Amashirahamwe yigenda yahagaritswe azomenya urwaciwe muminsi mirongo itandatu(60).

Please login to join discussion

Follow Us

Browse by Category

  • Amakambi y'impunzi
  • Ihungabana ry'agateka kazina muntu
  • Inkuru igezweho
  • Inkuru nyamukuru
  • Ireresi
  • Iterabwoba rifatiye kuri poritike
  • Ivyatororokanijwe n’umwanditsi
  • Ubwigenge bwo kumenyesha amakuru
  • Umu-kuru ama-kuru
  • Uncategorized @bi

Recent News

IFatwa kunguvu ry’abagore n’abigeme riri kumurindi ukomeye  ku mpuzi z’abarundi

IFatwa kunguvu ry’abagore n’abigeme riri kumurindi ukomeye ku mpuzi z’abarundi

June 2, 2019
Iturika ry’ama grenades vyimonogoje birahungabanya agahengwe   k’umutekano muke  kari gasanzwe Gateye amakenga

Iturika ry’ama grenades vyimonogoje birahungabanya agahengwe k’umutekano muke kari gasanzwe Gateye amakenga

June 2, 2019
  • Ishikiro
  • Abo turi bo

© 2019 Ce projet est réalisé par Journalists for Justice et est soutenu par collaboration avec le programme de Justice Internationale de la section Kenyane de la Commission Internationale de Juristes.

No Result
View All Result
  • Ishikiro
  • Akamo k’abakorewe amabi
  • Amakuru atosoye
  • Ivyiyumviro n’umwihwezo
  • Ububiko
  • Abo turi bo
  • frFrançais
  • enEnglish

© 2019 Ce projet est réalisé par Journalists for Justice et est soutenu par collaboration avec le programme de Justice Internationale de la section Kenyane de la Commission Internationale de Juristes.

  • frFrançais (French)
  • enEnglish (English)