Inyuma y’aho ishirahamwe mpuzamakungu Handicap International, rifasha abagendana ubumuga rihagarikiye ibikorwa vyaryo mu Burundi, abashingamateka barashikirije amakenga bafise ku banyeshure bagenda ubumuga, mu gihe abobanyeshure bahora bafashwa niryo shirahamwe. Umushikirangaji w’indero,n’inyigisho z’imyuga arabahumuriza.
Vyatororokanijwe na Eugène Niyoyankunze
Ishirahamwe mpuzamakungu Handicap International ryafasha cane abagendana ubumuga mu Burundi. No munama nshingamateka barafise amakenga, na cane cane inkurikizi mbi zishobora kuba ku banyeshure bagendana ubumuga bahora bafashwa niryo shirahamwe.
Umushikiranganji w’indero n’inyigisho z’imyuga, Yanwariya Ndirahisha amenyesha ko Reta y’u Burundi izoca ikorera mu ngata iryo shirahamwe. «Ikibazo kijanye n’abanyeshure bahora bahabwa imfashanyo n’ishirahamwe mpuzamakungu Handicap International, Reta yaragifashe nka nkama. Iyo mikangara ni abana b’u Burundi, ni abana bacu.Ntidushobora kubaheba kandi ntidushobora gusubira inyuma».
Abahora bafashwa n’ishirahamwe Handicap International bobo ntibakigira ayo bacira n’ayo bamira. Abayobozi b’ibigo vy’abagendana ubumuga bamenyesha ko babuze inkingi ikomeye, umufasha nya mufasha. Bose bamenyesha ko atarindi shirahamwe canke umuntu numwe azoshobora gukora nk’ivyo ishirahamwe Handicap International ryakora.
Umurwi w’amaho mu nama nshingamateka ujejwe ibibazo vy’indero, warashikirije raporo kuri uwu za 16 nzero, kuvyerekeye ico kibazo c’abagendana ubumuga mu mashure. Abagize uwo murwi barerekanye amakenga meshi na cane cane ayajanye na kazoza k’abo banyeshure bagendana ubumuga, bahora bafashwa n’ishirahamwe Handicap International.
Umushikiranganji Ndirahisha yasavye ahubwo ko abo bashingamateka boterera kugira urwo rwaruka burundi bw’ejo nabo bafashwe bongere bige. Agira ati: «Erega nabo nyene bari mubo muserukira».
Turetse imigambi ya Handicap International mu Burundi, na cane cane umugambi wo kuvura no kuvuza abagenda ubumuga, gufasha kugorora abamugaye ikiringo kingana n’imyaka 5 (2017-2021) mu ntara 5 :Muyinga, Gitega, Makamba, Ngozi et Muramvya, abana 96 bagendana ubumuga bakurikiranwa mu bigo ngororamubiri . Uwo mugambi wo kugorora abamugaye wakoresha abakozi bagera 46 bajejwe kugorora umubiri, n’abashika 18 bafasha abagorowe kwiyunguruza, ndetse n’abandi 20 bakora ubuzi butandukanye.
Umwe mu bayobozi b’ibigo vy’abagendana ubumuga mu gisagara ca Bujumbura, atashatse ko tumuvuga amazina, afise amakenga ko ikigo ajejwe kizohava cugara, inyuma ry’ihagarika ry’imirimo rya Handicap International. Ikigo arongoye hamwe n’ibindi bigo vyo mu gihugu hagati vyarahabwa imfashanyo n’ishirahamwe Handicap International, igizwe n’ibikoresho hamwe n’amafaranga. Iryo shirahamwe kandi ryarabaha amakinga y’abamugaye, n’ibikoresho vyo gukora amaguru (prothèses) canke amaboko (orthèses) abagendana ubumuga bakoresha. N’ibindi vyishi.
Abaronswa imfashanyo bagiye kuba abande ?
Uwo ajejwe ikigo c’abagendana ubumuga afise amakenga meshi ko Reta izohava idashobora gufasha abagendana ubumuga yo nyene. Agira ati : «Ibikoresho dukoresha birazimvye,mu gihe ubushikiranganji bwo gufatana munda no gufasha abatishoboye buhabwa amahera makeyi. Biragoye kwemeza ko hazohava haza uwusubirira ishirahamwe Handicap International».
Uwitwa Sedirike (izina ryahinduwe), umwe mu bagendana ubumuga wo mu ntara ya Makamba amenyesha ko adahumurizwa n’imvugo y’umushikiranganji Ndirahisha. Agirako yibaza nimba Reta izoshobora gufasha abagendana ubumuga,mu gihe nk’uwukoresha kwa kuguru bita prothèse akugura umuriyoni w’amafaranga ( akabakaba amahera y’abanyaburaya 340). Sedirike emenyesha ko prothèse bayihindura inyuma y’imyaka ibiri.
Tubibutse ko ihagarikwa ry’ibikorwa n’imigambi y’amashirahamwe mpuzamakungu ryabaye muri nyakanya 2018, n’urwego rw’igihugu rujejwe umutekano. Reta yari yasavye ko ishirahamwe ryose risubira kwiyandikisha bushasha ribanje gutanga ivyete 4. Kimwe cemeza ko iryo shirahamwe rigiye kwubahiriza umugambi w’ibwirizwa nshingiro mu kuvanga ubwoko mu bakozi, Icete cemeza amasezerano ya reta n’ishirahamwe, icete cemeza uruhusha rwatwanzwe na reta hamwe n’icete cemeza ingene amahera y’ayo ma shirahamwe akoreshwa.
Mw’itangazo ryashizwe ahabona ku wa 7 nzero, ishirahamwe mpuzamakungu Handicap International ryarashikirije amakenya yaryo: « Kuzana ivy’amoko mu bakozi bacu, no gutanga amakuru kubijanye n’ubwoko bw’abakozi bacu ni umurongo utukura ridashobora kurenga». Ivyo bikaba bidahuye n’akarangamutima k’iryo shirahamwe risanzwe rishira imbere ubuntu, rikiyamiriza ka mwanawamama n’ubungunge.
Ishirahamwe Handicap International ryari rimaze imyaka 26 ans mu Burundi. Ryafasha cane mu bijanye n’amagara y’ibibondo, kugorora, kw’igisha abagendana ubumuga no gufata mu mugongo amashirahamwe akora mu bijanye no gufasha abagenda ubumuga.