Ikigo citwa Réseau Africain pour la Paix, la Réconciliation et le Développement Durable mu rurimi rw’igifaransa, kizwi nka “Centre Gir’Ubuntu” (RAPRED GIR’UBUNTU) cabaye ihuriro n’iruhukiro ry’impuzi z’abarudi zakorewe amabi, mu gisagara ca Kigali.
Vyatohojwe na P-C.N
Inyuma yo guteshwa izabo n’indyane hamwe n’umutekano muke wahavuye ukurikirwa n’ubwicanyi mu Burundi, kuva muri ndamukiza 2015, ibihumbi n’ibihumbi vy’abarundi bahungiye mu bihugu bihana imbibe n’u Burundi. Igihugu c’u Rwanda conyene kirimwo impuzi z’abarundi barenga 68, abeshi muri bo bakaba baba mw’ikambi y’i Mahama. Bamwe bamwe muri izo mpunzi barahuye n’ikibazo c’ihahamuka bitewe n’amabi bakorewe canke ivyo babayemwo mu ndyane u Burundi burimwo.
Mu ntumbero yo gufasha abo bahuye n’ikibazo c’ihahamuka n’ihungabana, mu kigo c’abihebey’Imana citwa Christus i Kigali haravutse ikigo co kwumviriza nogufasha izo mpunzi gutangura kwiyungunganya mu migambi mito mito.
Ikigo Gir’ubuntu Cavutse mu kwezi kw’indwi umwaka w’2018, gitangujwe n’abapadiri hamwe na bamwe mu mpunzi z’Abarundi barimwo abigisha muri za kaminuza ivyerekeye politique hamwe n’aba Docteur b’abaganga mu ntumbero yo gufasha impunzi z’abarundi zahahamutse kubera amabi zakorewe imbere y’uko zihunga igihugu.
Inyuma y’amezi 6, ico kigo kimaze, impunzi z’abarundi zirenga 100 bahuye n’ihahamuka rikomeye baramaze kucitura.
Padiri Inosenti Rugaragu, aramutswa ico kigo aradondagurira ubwoko bw’ihahamuka bamaze kubona.
Agira ati: “Tubona Ihahamuka rigizwe n’amoko atatu. Hari ihahamuka canke Trauma iba yaravuye kw’ihohoterwa baba barabonye canke bakorewe, nk’ukwo gufungwa, gukubitwa canke guterwa ubwoba noneho bagahitamwo guhunga bakaza. Ico gihe Trauma yabo n’aho iba yubakiye. Ariko noneho iyo bageze hano mu buhungiro hari ihahamuka rindi ryiyongeramwo ari yo Trauma yo kutaba iwabo, kutagira umuryango, kutagira akazi, kutagira abagenzi n’ibindi. Hakiyongera ko rero na Trauma y’ubukene. Ubuzima baba baramenyereye kubamwo aba ari ubuzima bwiza, bashiste hano bagasanga ubuzima burahindutse. Murumva ko haca hiyongeramwo Trauma yo kutagira ibintu bisanzwe bifadika vyaba ivyo kurya bihagije, amafaranga yo kurihira amashure meza abana b’abo, amafaranga yo kwivuza, amafaranga yo gufashisha ab’abo abagenzi n’incuti basize inyuma ».
Amenyesha ko harimwo nabafise ikibazo c’ihahamuka rya politike rifatiye ku kubona badashobora kugira uruhara mw’itunganywa ry’igihugu c’abo, hakaza rero no kwihebura bisanzwe bakagira bati nimba igihugu carampevye burya n’Imana yarandekuye.
Kugira ngo izo mpunzi zirinde zifate ingingo yo kwitura ico kigo, bamwe muri abo baba basa n’abamaze kwihebura batagitora n’agatiro. Yamara Padiri Rugaragu asanzwe ari nawe Padiri mukuru w’ishengero Katolika rya Christus, avuga ko bagerageza kubitaho gushika aho bagarukana icizere co kubaho.
Avuga ati” Hari abaza bakubwira bati jewe ntibigikunda n’uko ndyama ngo nsinzire. Bati iyo ndyamye, nca numva za nduru, ya mipanga, za nkoni bankubita,…. Hari n’abaza bakatubwira bati iyo naje gusenga nkamarana iminota 30 canke 40 n’abandi mu gasengero, ati ndasinzira neza. Abandi bati no kumva hari abantu banyitayeho iyo mfise ikibazo nkakibatura bakanyumviriza numva ndemye ngaheza ngasinzira muhira”.
Rugaragu amenyesha ko kuvura ihahamuka bitoroshe kuko ari ingorane canke uruhererekane rw’imibabaro ruba rwafashe umwanya munini gushika aho umuntu amera nk’uwataye ubwenge.
Ati :“ Trauma uko iba yarabafashe, ntiba yaje mu munsi umwe. Aho rero no kuyivura ni uko nyene. Mu kuvura abantu twifashisha abantu banonosoye ivyerekeye gusanasana imitima abo bita aba Psychologues mu rurimi rw’Igifaransa, hari umwigisha muri za kaminuza yize ivyerekeye politike ahuza ivyo mu Burundi n’ivyo mu karere kose, hanyuma nanje nk’umupadiri ngafasha imitima, yamara nanje ndazi ivyerekeye ibitera intambara no kuzitatura hadakoreshejwe inguvu. Ubwo rero ndababwira igihe intambara iyi canke iriya ishobora kumara, gutyo na bo bagatahura ko bakwiye kugira imigambi yo kwibeshaho, ntibagume bicaye bibaza ngo intambara izorangira ejo”.
Padiri Rugaragu amenyesha ko iruhande yo gufasha imitima, abitura ico kigo iyo ari ba ntahonikora, bararonswa n’udufaranga two gutunganya imigambi mito mito yo kugerageza kwibeshaho mu buzima bw’ubuhunzi. Umuntu ahabwa ingurane y’ibihumbi 300 y’amafaranga y’u Rwanda. Hari abahitamwo kudandaza amakara, impene, ivyo kurya canke impuzu.
Naho ico kigo cashinzwe kubera impunzi z’Abarundi, uwukirongoye avuga ko n’izindi mpunzi zituruka mu bindi bihugu nka Kongo canke ahandi bibontesko bafise ibimenyetso vy’ihahamuka bakirwa.
Ico kigo gihamagarira n’abandi bagira neza canke abantu bifise ko boja hamwe bagatangura gufasha impunzi ziri mu ngorane zo kwihebura canke ihahamuka. Cemeza ko conyene kitokwira abarundi bose iyo bari mu makambi y’impunzi n’ibisagara mu Rwanda.
Gushika ubu, haracakirwa abarundi bagize ihahamuka baba mu bisagra cane cane Kigali n’ahandi nka Muhanga Gisenyi na Nyagatare. Yamara Centre Gir’Ubuntu ivuga ko ifise umugambi wo kwagura imigambi gushika mu makambi y’impunzi.
Abafashijwe n’ikigo Gir’Ubuntu barashima.
Ndayishimiye B. n’umuvyeyi w’abana batatu. Aba mu gisagara ca Nyamata, mu karere ka Bugesera mu ntara y’Uburasirzuba bw’u Rwanda. Yarahawe n’ingurane y’agatahe ko kudandaza ingana n’amafaranga ibihumbi 250.
Imbere y’uko aserukwako n’ikigo Gir’Ubuntu, amenyesha ko yasa n’uwihevye. :”Kuba mu buhungiro no kugaburira abana batatu ntivyoroshe. Ariko ubu kwigunga, kurira ngo ntugira icuha umwana vyaraheze”.
Ubuzima bw’iwe bwarahindutse inyuma yo guhabwa inyigisho n’umutahe wo kwikorera imigambi mito mito hamwe no gufashwa gukira ibisebe vy’ihahamuka.
“Ubu turakura amaboko mu mpuzu tugakora, kandi ivyarivyo vyose twarateye intambwe kuko aho turi siho twari kera. Twumva turemye kuko turikumwe n’abandi. Turaja kudandaza mw’isoko hama tukaronka ico dusumira abana, uwo munsi rikava riravuyemwo, ubuzima bukabandanya”.
Na mugenzi we Ningeza L. ni nk’uko. Na we nyene yari yumva asa n’uwatawe n’abantu ata kazoza abona. Ubu adandaza impene mw’isoko ya Nyamata. N’urugendo rwo kuja kurangura izo mpene, avuga ko ari nk’umuti kuko ahura n’abantu bakaganira.
“Turagenda mu misozi kurondera izo mpene tudandanza. Iyo umuntu adafise icakora, arihebura, akarara adasinziriye, cane cane abari bafise aho baba heza, akazi n’umushahara mu Burundi”.
Yongerako ko no mu buryo bwo kubaho yateye imbere. “Kera ntitwaronka agasukari, ntitwaronka isabuni, ntitwaronka ico turya, twarashobora kurya rimwe ku munsi kandi n’ukuri niko vyari bimeze, ariko ubu turabona ko twateye intambwe bukebuke n’amahera y’ishure ry’abana turayaronka”
Abashingantahe b’abo bakenyezi, bose ntawuzi irengero rya bo kubera amatati n’indyane za poritike u Burundi burimwo kuva mu mwaka w’2015. Bavuga ko nokuba batabona ababo biri mu bibatera agahinda. Yamara bemeza ko ikigo Gir’ubuntu cagarukanye icizere co kubaho mu miryango yabo.